Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 7 bafashwe muri Tanzaniya bahogwa imyiyerekano
Niburiburi abantu indwi bafashwe mu gisagara ca Arusha mu buraruko bwa Tanzaniya kugira ngo basambishwe ku bijanye n'imyiyerekano imaze igihe ikogwa mu gihugu.
Umukuru mfatakibanza w'igipolisi w'i Arusha, Bwana Yusuph Ilembo, yabwiye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri, ko bafashwe inyuma y'amatohoza y'igipolisi.
Amazina yabo ntiyagaragajwe, ariko Bwana Ilembo avuga ko bamwe muribo ari abanyeshuli ba Kaminuza.
"Leta ntizokwigera irera amaboko...iyi myiyerekano ntiyemewe n'amategeko...ntituzigera twemera kugeragezwa n'abantu bari ku rushi bashaka guhungabanya amahoro y'igihugu ca Tanzaniya," niko yavuze.
Abo bantu bafashwe inyuma y'amasaha Ubwongereza buburiye abenegihugu babwo bari muri Tanzaniya, buvuga ko imyiyerekano itegekanijwe itariki 26 ukwezi kwa Kane 2018 ishobora guhitana abantu.
Umukenyezi w'umutanzaniyakazi aharanira amateka akorera ku mbuga hwaniro, Madamu Mange Kimambi, yasavye ko hokogwa imyiyerekano yo kwiyamiriza leta mu gihugu cose kw'itariki 26 ukwezi kwa Kane, bitewe n'igabanuka ry'umwidegemvyo mu vya politike hamwe n'ihonyanga ry'agateka ka zina muntu.