Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji ajejwe amakuru muri Tanzaniya yirukanywe
Prezida John Magufuli wa Tanzaniya yakuye mu mabanga umushikiranganji w'itangazamakuru yari amaze iminsi atanguje itohoza ku mutegetsi akomeye, yagirizwa gutera ubwoba ikigo cigenga c'itangazamakuru gikorera mu gisagara ca Dar es Salaam.
Ihindura ry'abagize leta ryashikirijwe mu gitondo, Prezida Magufuli ntiyasiguye igituma Nape Nauye yahagaritswe mu mabanga.
Ku munsi wa kabiri, umurwi ukora itohoza, ugenywe na Bwana Nauye, wasavye ko uwuserukira ubutegetsi mu gisagara ca Dar es Salaam Paul Makonda yofatigwa ibihano kubera ivyavugwa ko yagiye kudurumbanya mu biro vy'ikinyamakuru "Clouds Media Group" (CMG) ku munsi wa gatanu.
Amakuru asohoka avuga ko Bwana Makonda atanezerejwe n'ukubona imbonerakure ya CMG itahitishije inkuru y'umuvugabutumwa yari yakoze amakosa.
Bwana Makonda hamwe n'iyo ndongozi y'idini ntibashoboye kwumvikana ku kibazo giherutse kijanye n'ibiyovyabwenge.
Prezida Magufuli asa naho ariko arashigikira uwumuserukira mu burongozi, ivyo bikaba vyababaje abanyagihugu na cane cane abaganirira ku mbuga hwaniro.
Bwana Makonda, bivugwa ko ari somambike wa Prezida, ntaco arabivugako.