Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea yepfo: Park Geun-hye yakuweko icizere
Inama nshingamateka ya Korea yepfo yakoresheje amatora mu ntumbero yo gukura icizere kuri Prezida Park Geun-hye.
Iyo ngingo yemejwe ku majwi 234 kuri 56, bisigura ko nabo basangiye umugambwe uri ku butegetsi Saenuri nabo nyene bemeje iyo ngingo.
Umushikitanganji wa mbere Hwang Kyo-ahn, yaciye agenwa kuba umukuru w'igihugu mfatakibanza.
Abanyagihugu baharurwa mu bihumbi barihaye amabarabara mu ndwi ziheze basaba ko umupfasoni Park yokurwa. Inyuma y'amatora yongeye gusaba ikigongwe avuga ati "narakoreye amakosa igihugu mu gusamara".
Ivyo yagirizwa bishingiye ku bucuti afitaniye na soma mbike wiwe Choi Soon-sil, yagirizwa gukoresha iyo migenderanire agafasha gusohora ingingo zituma baronkamwo amahera.
Muri kino gihe arafunzwe yagirizwa "guhindira umuntu mu kibi" no kurengera ububasha afise.
Abashikirizamanza bavuze ko umupfasoni Park afise uruhara runini kuri ivyo biturire akurikiranwako ariko we yabihakanye.