Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Magufuli yirukanye abakozi 10000 b'inkaratasi z'umutsindo za magendo
Prezida John Magufuli wa Tanzaniya yafuse mu kazi abakozi ba leta hafi 10000 bafise inkaratasi z'umutsindo za magendo.
Yabasavye kuba bavuye mu kazi itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu, batabikoze bagapfungwa kandi bagashikirizwa ubutungane.
Bwana Magufuli yakoze ivyo inyuma y'icegeranyo yahawe ku bakozi 9 932, bafise inkaratasi z'umutsindo z'amashule yisumbuye zitarizo.
Abakuwe mu kazi ni 2% vy'abakozi bose ba leta bari mu gihugu.
Abo bakozi birukanywe bagiye kwitwarigwa, abo ivyaha bizokwagira bagashobora gufungwa gushika ku myaka indwi.
Umugwi wasabwe gukora itohoza wagarukiye ku nkaratasi z'umutsindo zo mu mashule yisumbuye, ntiwashoboye gusuzuma iza kaminuza.