Abagabo 2 baregwa urudandazwa rw'abantu bafashwe muri Kenya

Abagabo babiri bagizwe n'Umurundi n'uwundi aturuka mu gihugu c'abarabu bagirijwe na sentare ya Kenya urudandazwa rw'abantu no gucumbikira abantu mu buryo bunyuranye n'amategeko .
Kasso Abdalla Ebrahim na Bigirimana Hassan bagirizwa kuba barondeye abantu 29 b'ubwenegihugu bw'u Burundi, mu ntumbero yo kubakoresha ku nyungu zabo.
Abo bigeme benshi muribo bafise imyaka iri hagati ya 16 na 23 bashikirijwe igipolisi ku munsi wa gatanu, bavanywe mu nzu bari bacumbikiwemwo mu gisagara ca Nairobi.
Bagifatwa amakuru akaba yavuga ko bariko bitegura kuja mu bihugu vy'abarabu, aho bokoze ubuzi bwo munzu.
Abo bagabo babiri bagirijwe kandi kuba babinjije mu gihugu no kugumya ivyangombwa vyabo ku buryo bunyuranye n'amategeko.
Bahakanye ivyo baregwa, sentare isaba ko bokwigomboza vy'agateganyo amadolari ibihumbi 10 umwe umwe, Birimana Hassani akaba ariwe yahavuye aguma mu munyororo adashoboye kuyaronka.
Abo bigeme nabo nyene bashikanywe muri sentare nk'ivyabona ku muhingamo, ariko munyuma bakaba basubijwe mw'ibohero basabwa kugarukanwa itariki zitatu z'ukwezi kwa gatanu.
Hari uwari ajejwe kubegeranya
Ku makuru BBC yashoboye kwegeranya batarashikanwa imbere ya sentare, abo bigeme bavuga ko ataribo bateguye urwo rugendo.
Bavuga ko hari umugabo yari ajejwe kubegeranya mu Burundi, ngo ni nawe yabarondereye inkaratasi z'inzira "passeports" ku mahera yiwe, yongera arabazana mu migwi gushika muri Kenya.
Mu vyo bavuga, benshi baturuka mu makaritiye yo mu bwinjiriro bwa Bujumbura nka Buterere, Kanyosha, Ruziba, Maramvya, Kinama; abandi nabo bavuga ko bavuye mu gihugu hagati nk'i Muyinga na Cibitoke.
Imbere yuko bafatwa, abo bigeme bavuga ko bari babeshejweho n'ababatumyeko, ko bari barindiriye ko baronka uruhusha rwo kwinjira "visa" muri ivyo bihugu vy'abarabu ngo bashobore kubandanya urugendo.

Ubuserukizi bw'u Burundi ntibwari bwamenyeshwe n'ubutegetsi bwa Kenya ivyabaye, ariko bamwe mu bakozi babwo bakaba bari baje muri sentare kubikurikirana.
Si ubwa mbere Abarundikazi bajanwa uko
Mu makuru yavugwa ko yavuye mu butegetsi, umushikiranganji w'intwaro ya hagati mu gihugu ngo yoba yafashe ingingo yo gusubiza abo bigeme mu Burundi.
Inzira ya Kenya iri mu zikoreshwa cane n'abarondera ubuzi mu bihugu vy'abarabu.
Umwe mu bigeme bafashwe, yavuze ko hari bagenziwe 11 bari bamaze kugenda imbere yuko we afatwa.
Abo mu buserukizi bw'u Burundi nabo nyene baravyemeza, ndetse ngo bakaba baherutse kuronka amakuru y'abarundikazi batatu baheruka kwitaba Imana mu minsi iheze kubera gufatwa nabi.
Ubutegetsi bwa Kenya bumaze iminsi bugerageza guhagarikisha urwo rudandazwa rw'abantu n'izo nzira, kuva igihe busangiye abenegihugu babwo bafatwa nabi abandi bakicwa, vyitwa ngo bari ku kazi muri ivyo bihugu vy'abarabu.
Abenshi bakaba baja muri Arabie Seoudite na Dubai.










