Uwahoze aserukiye u Burundi muri Kenya yakatiwe imyaka 127

Uwahoze aserukira u Burundi i Nairobi muri Kenya, Salvator Ntacobamaze, aherutse gucirwa umunyororo w'imyaka 127 natishura amahera yagirizwa
Ngo hamwe atoriha amafranga aharurwa mu bihumbi ijana vy'amadolari ya Amerika yagirizwa na sentare igwanya ibiturire iri i Bujumbura azoca amara ico kiringo mu munyorora.
Umushingwamanza wiwe Maitre Caritas Nduwayo, avuga ko uwo aburanira arenganywa, akamenyesha ko agiye kwunguruza urubanza.
Sentare igwanya ibiturire n’ukunyuruza itunga ry’igihugu imwagiriza kuba yanyuruje ayo mafaranga yari agenewe imirimo y’ibiro yari ahagarariye i Nairobi.
Salvator Ntacobamaze yahamagawe ava i Nairobi ashikira mw’ibohero mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, ico gihe hakaba hari hafashwe kandi uwaserukira u Burundi mu Butaliano.
Imbere y’uko aja guserukira uburundi muri Kenya, Salvator Ntacobamaze yari yarabaye umushikirinjanji w’intwaro yo hagati yongera araba umukuru wa protocole ya Presida Pierre Nkurunziza.






