Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ntivyifashe neza na gato hagati y'Uburusiya n'Ubwongereza
Uburusiya bwafashe iyindi ngingo mu bijanye n'imigenderanire n'Ubwongereza, mu gihe umubano ubandanya uba mubi kubera irogwa ry'uwahoze ari umusumyi w'urusaku, Sergei Skripal.
Moscow yabwiye Ubwongereza ko bufise ukwezi kumwe kugira bube bwagabanije igitigiri c'ababuserukira mu Burusiya, bakangana n'abaserukiye ico gihugu mu Bwongereza.
Uburusiya buvuga ko busavye ibi kubera inyifayo y'Ubwongereza ngo yuzuyemwo agasomborotso.
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire yari yahamagaje abaserukiye bimwe mu bihugu vya Buraya na Amerika, vyirukanye abaserukiye Uburusiya, kugira abamenyeshe ingingo zo gusubiriza mu ndumane ivyo bihugu.
Ibihugu birenga mirongo ibiri na bitanu vyarirukanye abaserukiye Uburusiya, ariko ico gihugu kibandanya guhakana ivyagiriji vy'Ubwongereza vy'uko cagize uruhara mw'irogwa rya bwana Skripal.