Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburusiya ngo nta gihe ntarengwa bwohabwa n'Ubwongereza
Ubwongereza bwahaye Uburusiya igihe ntarengwa ngo bube bwavuze ahavuye uburozi bw'ubumara bwakoreshejwe ku musumyi w'urusaku w'Umurusiya arwariye mu Bwongereza.
Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, yavuze ko Uburusiya bwiteguriye kuganira kuri ico kibazo hakurijijwe amategeko mpuzamakungu.
Ngo ariko buraza kwirengagiza igihe ntarengwa c'amasaha 24 catanzwe n'Ubwongereza, gushira abahinga b'Abarusiya bemerewe kwihweza ubwo bumara bwakoreshejwe ubwo ari bwo.
Leta y'Ubwongereza ivuga ko ubumara bwakoreshejwe bwitwa novichok canke "mushasha", bwo mu gihe Uburusiya bwari buriki urunani rw'aba Soviet.
Ikigo mpuzamakungu gikumira igwirirana ry'ibirwanisho ruhonyangada, OPCW, kiri mu nama i La Haye cavuze ko biteye impungenge cane kuba ubumara nk'ubwo bugikoreshwa mu guhohotera abantu.
Cavuze kandi ko abazokwagirwa n'ico gikorwa bategerezwa kubiryozwa.