Ubwongereza buragabisha Uburusiya ku bitero vyo kuri internet

Boris Johnson araza kugabisha Uburusiya ngo buhagarike ibitero vyo ku mbuga za internet bibangamira umutekano w'Ubwongereza canke ico gihugu kibasubirize mu ndumane.

Araza kubabwira ko Ubwongereza ata mayeri bukoresha ku mbuga ngurukanabumenyi ariko ko bufise ubushobozi bwo kugwanya ibitero nk'ivyo.

Johnson abaye umushikiranganji wa mbere ajejwe imigenderanire agendeye Uburusiya mu myaka itanu.

Urugendo rwiwe rukurikiye amajambo y'umushikiranganji wa mbere Theresa May ko Uburusiya bugerageza "kubangamira ukwishira n'ukwizana kw'abantu".

Umumenyeshamakuru wa BBC ajejwe ibibazo vy'ububanyi n'amahanga James Robbins yavuze ko imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri ari " mibi cane kandi iteye ubwoba".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yaragabishije mu kwezi kwa cumi na rimwe ko Uburusiya bushobora kugira isekeza ry'ibitero ku mbuga za internet.