Aho abantu bariha kuba mu tuzu dusa n'utw'imbwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Utwo tuzu kamwe gapima imetero imwe kuri zibiri gakozwe mu kayungiro, kakira insenge zitatu umuntu abikako ivyo atunze, inzu umuntu aryamamwo ikaba ikwiye.
Ikibazo c'inzu zizimbutse mu gisagara ca Hong Kong, nico catumye haduka ico kibazo c'abantu babura aho baba, bakiryamira muri "cages" nk'ibikoko.
Mu 2017 igitigiri c'abanyagihugu babayeho muri mwenubwo buryo caraduze cane muri ico gihugu.
Hariho abibaza ko utwo tuzu dukozwe mu kayungiro abantu boba batubamwo ku buntu, haba namba.
Amahera yo gupanga kamwe muritwo ashobora gushika ku madolari $500 ku kwezi.
Utwo tuzu bita "nanohogares" turi mu bwoko bwinshi.
Hari udukomeye cane kurusha utundi, ariko twose tuguma ari duto, kandi abatubamwo babayeho nabi cane.
Bamwe mu baba muri utwo tuzu barashaje.
Umwe muribo ni uwitwa Tam Wing w'imyaka 78, aryamana n'ivyo atunze vyose bigizwe n'amasafuriya, impuzu, ibifungugwa, ibitabo n'ibindi.

Ahavuye isanamu, JAMES LAW CYBERTECTURE
Imwe mu migambi yo gutorera inyishu ico kibazo
Mu kugerageza gukemura ico kibazo, hari abantu batetse umutwe, bagwa ku nyishu.
Imwe muri izo nyishu ni ico bita OPods, akazu kubatswe mu muringoti munini nk'imwe itwara amazi y'imvura.
Abakora iyo miringoti ntibayikoresha yose, iyisigaye baca bayigurisha ku mahera make.
"Ico dukora turakoresha amahera make, tugashiramwo aho umuntu yitabarira naho yogera, tugashiramwo igikoni n'intebe," niko umuhinga mu vyo kwubaka James Law, yatanguye uwo mugambi avuga.
Siyo nyishu ibereye ku kibazo c'amazu azimvye no kubona ibintu nka mwenivyo biba.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ico kibazo ntikiri hamwe
Utwo tuzu two mu gisagara ca Hong Kong ntituraho honyene. Mu bihugu nk'Ubuyapani, Australia, Singapour, Ubwongereza na Nouvelle Zélande, amazu arazimvye cane ku rugero rutajanye n'amahera abanyagihugu binjiza.
Ico kibazo ngo cashitse aho, bitewe n'abantu b'abanyamahanga bafise amahera menshi bagura amazu, bigatuma n'izisigaye zizimba abanyagihugu ntibashobore kuzipanga canke kuzigura.
Kugira ngo gikemure ico kibazo, igihugu ca Nouvelle Zélande kiriko kirategura itegeko ribuza abanyamahanga kugura amazu.
Ku mugwa mukuru Wellington, igiciro c'amazu caduze 18% mu 2017.
Ahandi amazu azimvye ni mu gisagara ca Londres mu Bwongereza, aho mu myaka cumi irangiye igiciro cikuvye kabiri.










