Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zuma yemeye kuva ku butegetsi, ariko ashaka ayandi mezi 3
Uburongozi bw'umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo bwafashe ingingo yo kubogoza Jacob Zuma mu kibanza c'umukuru w'igihugu, ariko nta kiringo co gutanga imihoho camenyeshejwe.
Umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, yavuze ko bwana Zuma asa n'uwemeye kuva ku butegetsi, ngo ariko ashaka kuba arabugumyeko ayandi mezi atatu canke atandatu.
Bwana Magashule yavuze ko abakuru mu mugambwe bumva bwana Zuma yari akwiye kuva ku butegetsi vuba bishoboka ku neza ya Afrika y'epfo.
Yavuze ko umugwi nyobozi ku rwego rw'igihugu ushaka ko umukuru wa ANC, Cyril Ramaphosa, aca aba umukuru w'igihugu.
Bwana Zuma ariko aranangira ku butegetsi naho yagirizwa igiturire ku rwego rwo hejuru.