Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Zuma wa Afrika y'epfo vyitezwe ko atanga imihoho
Umugwi nyobozi w'umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo vyitezwe ko usaba Prezida Jacob Zuma gutanga imihoho ni wahura uno munsi.
Ku munsi wa Mungu uwurongoye umugambwe, Cyril Ramaphosa, yasavye Bwana Zuma gukinjura ku gushaka kwiwe canke agakurwa ku nguvu n'umugwi nyobozi w'umugambwe.
Natubahiriza ivyasabwe, hazoca hatunganywa amatora y'inama nshingamateka yo kumukurako icizere.
Uwo mukuru w'igihugu yagirizwa amakosa menshi ashingiye ku biturire, ngo yoba amaze iminsi yisabira ukuntu yotanga ubutegetsi neza.