Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zuma yahamagaje inama yihuta y'abagize leta
Umukuru w'igihugu ca Afrika Yepfo Jacob Zuma yahamagaje inama yihuta y'abagize leta mu gisagara ca Cape Town, niko ibigo vy'itangazamakuru vyaho vyavuze.
Si ibisanzwe ngo inama y'abagize leta ibe ku munsi wa kabiri, inama z'abashikiranganji ziba mu bisanzwe ku minsi ya gatatu.
Kuri uno wa gatatu hategekanijwe inama ihambaye y'abajejwe gufata ingingo mu mugambwe uri ku butegetsi "African National Congress" (ANC), izoba ikurikiye izindi nama zibiri zaheruka, zihweza kazoza ka Bwana Zuma.
Mw'itangazo, ANC yavuze ko iyo nama ariyo kwihweza "ingene ikiringo mfatakibanza cotunganywa" hagati y'uburongozi bwa Zuma n'ubwa Ramaphosa.
Abanyagihugu bamaze igihe baremereye Bwana Zuma, uburongozi bwiwe bwaranzwemwo amakosa ateye isoni, bipfuza ko hoza uwundi mukuru w'igihugu inyuma yaho Cyril Ramaphosa atorewe kurongora ANC mu kwezi kwa 12.
Prezida ari ku butegetsi kuva mu 2009, ategekanya gushikiriza ijambo abanyagihugu ku kungene igihugu cifashe ku munsi wa kane, bamwe mu banyamugambwe bakipfuza ko Bwana Zuma yoba yavuye ku butegetsi imbere y'iryo jambo.
Bwana Zuma asa naho aguma anana, yima amatwi abipfuza ko atanga imihoho.