Zuma asigaje ikirenge kimwe ku butegetsi mu gihe ANC yamuhebuje

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, African National Congress (ANC), bivugwa ko wabwiye icese umukuru w'igihugu Jacob Zuma ngo atange imihoho.

Uwo mugambwe uraza gutangaza ico cemezo ku mugaragaro mu kiganiro uza guha abamenyeshamakuru mu mwanya uri imbere.

Umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, bivugwa ko yagiye kubonana na bwana Zuma ngo amumenyeshe icese ingingo yo kumukura, nyuma y'inama y'abakuru b'uwo mugambwe yamaze amasaha 13 i Pretoria.

Ayandi mezi atatu?

Iyo nama yahamagajwe kugira haganirwe kuri kazoza ka bwana Zuma, mu gihe ivyagiriji vy'igiturire vyari bimaze kuba umurengera.

Umukuru w'umugambwe, Cyril Ramaphosa, yigeze kuva muri iyo nama abonana n'umukuru w'igihugu, kandi bivugwa ko yamusavye gukinjura.

Hari amakuru ataremezwa avuga ko bwana Zuma ngo aza kwemera gutanga imihoho nibamwemerera kuba aragumye ku butegetsi ayandi mezi atatu.