Leta ya Cambodge yugaje ikinyamakuru

Ihadabu ya miriyoni 6 ngo ntayo boronka

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w ambere Hun Sen yabwiye bene ikinyamakuru 'The Cambodia Daily' ko batabonye amafaranga basabwa batekera utwabo bakagenda

Ikinyamakuru co muri Cambodge kizwi ko gikunda kunegura leta, kimenyesha ko casambuwe na leta kubera casabwe miriyoni zitandatu z'ama dorari y'ihadabu.

Amakuru y'iyugara ry'ikinyamakuru 'The Cambodia Daily' amenyekanye inyuma y'ifatwa ry'umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Kem Sokha.

Umugambwe wa Kem Sokha vyari vyitezwe ko uronka amajwi menshi mu matora yo mu mwaka uza.

the CD

Ahavuye isanamu, The Cambodia Daily

Insiguro y'isanamu, Ifoto y'abanyamakuru ba 'The Cambodia Daily' bashize ku rubuga rwabo rwa Twitter

Uwo mugambwe 'Cambodia National Rescue Party' uvuga ko ifatwa ry'umukuru wawo rishingiye ku ntumbero ya politike.

Ariko umugambwe w'umukuru wa Cambodge, Hun Sen, wagiriza Kem Sokha guhemukira mu kwifatanya n'abanyamahanga kukigirira nabi.