Trump ashaka gusubizaho ibihano kuri Cuba

Vyiteze ko Prezida wa Amerika Donald Trump aramenyesha ikigiye guhinduka muri politike yerekeye igihugu ca Cuba, no gukaza ibihano vy'uruja n'uruza vyari vyaragabanijwe inguvu na prezida Obama
Vyitezwe kandi ko prezida Trump ahagarika urudandazwa hagati ya Amerika,na Cuba mu bisata vy'ingenzi n'igisirikare c'ico gihugu.
Bigaragara ko Donald Trump agishaka guhindura ivyo uwo yasubiriye Barack Obama yari yarashitseko.
Mu rugendo rwiwe mu gisagara ca Miami uyu musi, vyitezwe ko Trump yongereza inguvu y'ibihano vy'uruja n'uruza Amerika yari yarafatiye igihugu ca Cuba.
Prezida Obama yari yaragabanije inguvu z'ivyo bihano mu ntumbero yo kwongereza imigenderanire hagati ya Amerika na Cuba

Abanyamerika bazorekurirwa kuja muri iryo zinga ariko biciye mu mugwi uzwi.
Ubudandaji hagati ya Amerika n'igisirikare ca Cuba mu gisata c'ingenzi na vyo nyene biri mu bihagarikwa na prezida Trump.
Imigwi myinshi iharanira agateka ka zina muntu asaba Amerika kubandanya kuganira na Cuba, kuko imyaka myinshi iheze Cuba yarakumiriwe, agateka ka zina muntu muri ico gihugu ntikariyongera.










