Tanzania: Abana b'inzoya ntibemerewe kuzanwa mw'ishure

Esnath Gideon mw'ishure n'umwana wiwe
Insiguro y'isanamu, Gideon avuga yuko azana umwana wiwe kw'ishure kuko adafise uwumusigarana muhira

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe indero yavuze yuko ingingo yo kwemerera abakobwa bavyaye kugaruka kwiga idasigura ko bashobora kuzana abana babo mw'ishure.

Ibi abivuze nyuma y'ikiganiro ca BBC cerekanye umukobwa wo mu karere ka Mbeya yemerewe kuzana uruyoya rwirwe rw'amezi ane mw'ishure muri ino ndwi.

Esnath Gideon w'imyaka 19 yafashwe amasanamu ari kumwe n'umukobwa wiwe bicaye ku ntebe y'ishure. Yabwiye BBC ko ata kundi yobigira kuko adafise uwumusigaranira umwana muhira.

Ariko Prof Adolf Mkenda yavuze yuko kuzana inzoya mw'ishure vyotuma abandi banyeshure badakurikira neza.

Abakobwa b'abanyeshure muri Tanzania batwaye imbanyi bahora baca birukanwa kandi ntibemererwe kugaruka.

Iri tegeko ryari rimaze imyaka 19 ryakuweko mu kwezi kwa Kigarama (12) guheruka, bituma abakobwa benshi bavyaye bagaruka kubandanya amashure.

Bamwe muri bo biyandikishije mu mugambi witwa Alternative Education Pathway (canke inzira y'inyigisho itandukanye), bivugwa yuko uborohereza.

Umuti ku kibazo ca Madamazera Gideon warashikirijwe leta nka kimwe mu vyatanzwe n'abahinga nk'inyishu ku kibazo c'abakobwa b'imiyabaga bavyaye bakiri kw'ishure.

Uwo muti ni uwo kwugurura ibibanza vyo gusigarana inzoya z'abakobwa basubiye mu mashure badafise ababarabira abana, nk'uko umwe mu bajejwe indero yabibwiye BBC.