Tanzania: Itegeko ribuza abakobwa batwaye inda kubandanya amashure ryafuswe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta ya Tanzania itangaza ko itegeko ryari rimaze imyaka 19 ribuza abana b'abakobwa basamye inda gusubira kw'ishure muri ico gihugu ryafuswe.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa gatatu ku mugwa mukuru Dodoma, umushikiranganji w'indero, Prof Joyce Ndalichako yamenyesheje ko abanyeshure bo mu mashure matomato n'ayisumbuye bahevye ishure kubera imvo zitandukanye, harimwo gusama imbanyi, bagiye kwemererwa gusubira mu mashure.
Umushikiranganji Ndalichako yagize ati: "Reta izovanaho intambamyi zose zo kuja mu mashure. Reta yafashe ingingo ko abanyeshure bose baheba ishure kubera imvo zitandukanye, inyuma y'imyaka 60 turonse intahe yo kwikukira, bazoronka amahirwe yo gusubira mu mashure.
"Ayo mahirwe azoba ku bakobwa batwajwe inda bakiri mu mashure yisumbuye. Bazokwemererwa gusubira mu mashure asanzwe bamaze kuvyara."
Reta yari yashizeho integuro y'amashure yo kwiga utuntu tubayabaye ku bakobwa batwaye inda, abategetsi bakaba bavuga ko ibi vyotuma abandi banyeshure "birinda abahumbisha".
Uwahoze arongoye ico gihugu John Pombe Magufuli yari yashimangiye iri tegeko ryari ryemejwe ubwa mbere mu 2002, rikaba ryategeka ko abanyeshure b'abakobwa batwaye inda baca birukanwa.
Iri tegeko ryavuga ko aba bakobwa birukanwa kandi bagaca bakwa uburenganzira ubwo ari bwo bwose bwo gusubira kw'ishure ku "vyaha vyo kutagira indero" hamwe no "kwitwara nk'abubatse".
Amashirahamwe aharanira agateka k'abakenyezi yari amaze igihe kirekire asaba ko iri tegeko rihinduka.
Magufuli yavuga ko "umaze gutwara inda, ivyawe biba birangiye".
Mu kwa gatandatu 2017, yatangaje ko, mu gihe cose azoba ari umukuru w'igihugu, ata munyeshure wo mu mashure matomato canke ayisumbuye azosama inda hanyuma ngo abandanye yiga.
Yabwiye amashirahamwe yariko asaba ko iri tegeko rifutwa ko bokwugurura amashure yabo boshiramwo abavyaye, bareke kugora reta.
'Tanzania ibaye akarorero mu karere'
Iyi ngingo ya Magufuli yateje impari zikomeye yongera yiyamirizwa n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, haba mu gihugu canke hanze, yabona ko ije guhonyanga uburenganzira bw'umwana w'umwigeme bwo kwiga amashure.
Vyongeye, Magufuli yatangaje ko abagabo bazoba bateye inda abanyeshure b'abakobwa bategerezwa gupfungwa imyaka 30.
Banki y'isi yose ivuga ko iyi ngingo yaraye itangajwe n'umushikiranganji ajejwe amashure muri Tanzania ije gukuraho inzitizi zabuza bamwe kubandanya amashure
Mw'itangazo iyo banki ivuga iti: "Iyi ngingo ikomeye yerekanya ishaka igihugu gifise ryo gushigikira abakobwa n'abagore bakiri bato no kubongerereza amahirwe yo kwisununura mu mashure".
N'ubuserukizi bwa Suede muri Tanzania bwakeje iyo ngingo ya reta ya Prezida Samia Suluhu Hassan buvuga ko ari akarorero keza ku bindi bihugu vyo mu karere.
Mw'itangazo ryo kuri Twitter, ubwo buserukizi bwavuze buti: " Tanzania ubu ibaye akarorero n'icitegererezo mu karere ku burenganzira bwo kuja mw'ishure ku bavyaye bakiri bato".
Abaharanira uburenganzira bw'abagore no kuja mw'ishure nabo bashimye iyo ngingo ariko bagasaba ko yoshirwa mu mategeko kugira ikurikizwe neza.
Hampande y'abo bana batwaye inda, umushikiranganji w'indero avuga ko n'abandi banyeshure bahevye amashure ku zindi mvo zitandukanye, ko nabo nyene bazosubira mu mashure.
Muri Tanzania bigereranywa ko abakobwa 120.000 baheba ishure buri mwaka, abarenga 5% muri abo bakaba babiterwa no gutwara inda.
Prof Ndalichako avuga ko azotanga insiguro zirambuye ku bigiye gukorwa.










