Kenya: Abakobwa bari barahevye ishure bararonswa 'amahirwe ya kabiri'

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abakobwa muri Kenya bari barahevye ishure bariko bararonka amahirwe ya kabiri yo kwiga biciye mu bigo vyo "kwiyusura'' canke "kwiriha" ('catch-up' schools) .
Ayo ni amashure yo kwiga gusoma no kwandika aho abakobwa bari barahevye amashure bari hagati y'imyaka 10 na 19 bashobora kwiyandikisha bakarangiza ivyigwa inyuma y'amezi hagati y'atandatu n'icenda.
Ivyo bigo vyiyumviriwe 'n'amashirahawe ategamiye reta menshi bikaba bimaze gushingwa no gukora mu ntara 5 kuri 47 zigize Kenya, mu gihugu cose bikaba bigeze kuri 26.
Birondera ahanini abakobwa ariko na cane cane abo mu ntara zikirangwamwo cane ivy'abakobwa bavyara batarashikana imyaka 18 n'abarongorwa bakiri abana, nk'uko bivugwa na Karanja Mburu urongoye uwo mugambi.
Ivyigwa vyo gusoma no kwandika bifata igice c'umunsi kugira abanyeshure, abenshi muri bo usanga ari abavyeyi, bashobore kuzanana kw'ishure n'abana babo.
Umwe mu biga ayo mashure ku myaka 17 avuga ati: "Kuba mfise umwana ntivyari kunkundira kwiyumvira gusubira kw'I shure. Aho dushira abana (creche) n'ababaturabira muri ico kigo ivyo vyatumye nshobora gusubira kwiga."
Abakobwa bashobora gusubiza mu mashure asanzwe, kwiga imyuga canke kugura ivyigwa bitanga urupapuro rwemeza ko bavyize iyo bahejeje.
Bashobora no kwandika imigambi y'ivyo bokora vyobazanira amafaranga "hanyuma tukabaha ibikenewe kugira batangure", nk'uko bivugwa na Mburu.
Ku myaka 19, umwe mu biga umwuga wo gushona avuga ko vyabafashije cane. Ati: "Kubera ayo mashure ubu nsigaye nzi guhagaza telefone ngendanwa nkanasoma ubutumwa ndungikiwe."











