Abakobwa batwaye inda muri Tanzania bemerewe gusubira mw'ishure

Esnath
Insiguro y'isanamu, Esnath Gedion ari kumwe n'umwana wiwe mw'ishure avuga ko indoto ziwe ari kuba umucamanza

Abigeme bo muri Tanzania basubiye mu mashure n'abana babo inyuma y'aho habonekeye itegeko rishasha risubirira iryahahora ribuza abakobwa batwaye inda kubandanya kwiga.

Esnath Gideon yabwiye BBC igisata c'igiswahili ko adafise uwumufatira umwana hanyuma abigisha baramwumvira ikigongwe baramureka arinjira mw'ishure n'umwana wiwe w'amezi ane.

Uwo mukobwa w'imyaka 19 yari yarataye icizere co kurangiza amashure igihe yatwara inda ari mu mwaka wa kane w'amashure yisumbuye.

Ubu aranezerewe ko reta yarekuriye abo bavyeyi bakiri bato gusubira mu mashure, ubu akaba ashaka kwiga n'umwete kugira abe umushingwamanza.

Yavuze ati: "N'umwana mw'ishure, siniga neza ariko kenshi ndashobora gukurikirana neza. Ikibazo n'iyi umwana yiyononye, nkakenera kumuhindurira kuko ata kibanza kihari mw'ishure co kumuhinduriramwo."

Gedeon abana na nakuru adandaza isambusa kw'isoko, akaba anezerezwa n'uko umwuzukuru wiwe yasubiye kw'ishure.

Nakuru yari yashavujwe n'uko Gedeon yatwaye inda kuko yategerezwa guca aheba ishure.

Umuryango wa Esnath Gedion wots warababaye igihe umukobwa wabo yahagarika amashure
Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Esnath Gedion wose warababaye igihe umukobwa wabo yahagarika amashure

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli yari yarabujije abakobwa bafise inda n'abavyaye kubandanya kwiga, ariko prezida ahari ubu Samia Suluhu yarahinduye iryo tegeko.

Abakowa bafise imbanyi barenga 1500 barirukanywe mw'ishure mu karere ka Mbeya.

Abashika 240 muri bo baragarutse kwiga, hakaba harashizweho umugambi wihariye w'ivyigwa kugira bashobore kubimara mu mwanya muto.