Malala avuga ko 'indero y'abakobwa ikwiye kurwanirwa'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Sean Coughlan
- Igikorwa, BBC News
"Isi yugarijwe n'akaga k'indero y'abakobwa," aho abakobwa bashika miriyoni 130 bataja mw'ishure hirya no hino kw'isi , nk'uko Malala Yousafzai yagabishije.
Uwo mukobwa aharanira indero y'abakobwa yabwiye ikoraniro ry'isi ririko rirabera Londres/London ati : "Ubuzima bwabo bwa kazoza burakwiye kurwanirwa,"
Yavuze ko gukira imvune z'ikiza ca Covid bitegerezwa gusigura amahirwe angana yo kuja mw'ishure.
Ikoraniro mpuzamakungu ku kibazo c'amashure ririko rirabera Londres/London rigamije kwegeranya amafaranga angana na miriyaridi 5 z'ama dorari (hafi miriyaridi ibihumbi 2 mu mafaranga y'Uburundi) kugira abana miriyoni 88 biyongere mu mashure mu bihugu bimwe bimwe bikenye cane kw'isi.
Iryo koraniro, rihagarikiwe n'Ubwongereza hamwe na Kenya, rizotanga imfashanyo ku myaka itanu iri imbere, izoshigikira abana bangana na miriyoni 175.
'Ikigiye guhindura ibintu cane'
Ikiza caratumye hunyuka ibibazo vyari bisanzwe vyugarije amashure mu bihugu bikenye kurusha ibindi - aho hagabishwa ko abana baheba ishure kubera corona bashobora kutazigera barisubiramwo.
Ubwongereza bwemeye miriyoni zirenga 600 z'ama dorari , ibindi bihugu bikaba vyitezwe kumenyesha intererano zavyo - amafaranga arenga miriyaridi 4 z'ama dorari akaba ariyo yitezwe kwemerwa kuri uyu wa kane.
Ishirahamwe rya Buraya ryemeye miriyoni zirenga 800 z'ama dorari , Norvege ayarenga miriyoni 400 , Reta Zunze Ubumwe za Amerika(USA) nazo ayarenga miriyoni 300 aho hose z'ama dorari ku myaka itatu iri imbere.
Julia Gillard, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Australia akanaba umukuru w'umugambi w'isi wo gufashanya mu vy'indero (Global Partnership for Education) , ari nawo uzosabikanya imfashanyo zizotangwa n'ibihugu bifasha, yavuze ko yizigiye ko miriyaridi zitanu z'ama dorari zironderwa kwegeranywa zizoboneka, ariko kubera ingene igihugu kimwe kimwe cose kiringaniza ingene gikoresha amafaranga yaco, bisigura ko ayo mafaranga azoja araboneka mu bice bice.

Malala, yatsindiye agashimwe ka Nobel aturuka muri Pakistan yamenyekanye mu kurwanira inxdero y'abakobwa , yabwiuye ikoraniro akamaro ko gushira uburyo mu ndero , cane cane y'abakobwa bataronka amahirwa ''ata kindi ari kubera igitsina cabo".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze ati: "Abana benshi kw'isi - cane cane abakobwa - bari basanzwe barahevye ishure n'imbere y'uko ikiza ca Covid caduka.
"Kubafasha kwiga no gukoresha ubushobozi bwabo bwose nico kintu conyene gikomeye dushobora gukora kugira twivyukiranye aka kaga," aca asaba amakungu gutanga intererano.
Ariko, Boris Johnson yashikirije ivyo mu gihe anegurwa, harimwo n'abashingameteka biwe, kubona yakomeye ku mugambi wo kugabanya amafaranga Ubwongereza busanzwe bugenera gufashisha ibindi bihugu.
Intumbero ya Global Partenership for Education n'ukwongereza abaja mw'ishure mu bihugu vy'amikoro make, uwo mugambi ukavuga ko ivyo vyotuma hatera imbere amagara, kubaho neza n'amahirwe kuri imwe mu migwi y'abantu batagira icepfo ca ruguru kurusha abandi kw'isi.
Umunyamabanga w'ubushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire Raychel Omamo yagarutse kw'ihungabana ryatewe n'ikiza - ariko avuga ati ''indero niyo nzira, inzira yo gutera tuja imbere".
Ariko Gabriela Bucher, umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam, yibajije ico isi ishira imbere kurusha ibindi aho abafise amafaranga aharurwa muri za miriyariidi bashobora gusiganwa mu kurungika ibigendajuru mu kirere mu gihe miriyoni z'abana badashobora kuja kw'ishure.
Yanagabishije ku ngaruka mbi z'igabanywa ry'imfashanyo n'Ubwongereza.
Umukuru w'iryo shirahamwe ry'abagiraneza yavuze ati: "Bizotuma abakobwa bagira amagara mabi gusumba n'umutekano wabo ugabanuke, n'imbere y'uko bahonyiza ikirenge mw'ishure".
Yugurura iyo nama, ministre w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Dominic Raab yashimitse ku gaciro ko gushira uburyo mu ndero y'abakobwa - "nk'imoteri y'iterambere" - kuko abavyeyi bize boteza imbere ukubaho neza kw'imiryango yabo.
Indero y'abakobwa nibwo buryo bwa mbere bwo ''guhindura ibintu'' nk'uko yabibwiye ikoraniro.
'Uburyo bwa mbere bwo kunganisha'

Angel Mbuthia, umunya-kenya aharanira uburenganzira bwo kwiga avuga ati: "Indero nico kintu ca mbere gishobora gushira abantu ku rugero rungana."
Iyo ndongozi mu banyeshure y'imyaka 26, muri iki gihe asanzwe ari umunyamabanga w'ibibazo vy'igitsina mw'ishirahamwe rya Africa ry'abanyeshure (All Africa Student's Union), avuga ko amashure atanga ''inguvu zo gusunika mu gutora inyishu ku bibazo biduhanze cane."
Nk'akarorero, nko mu guteza imbere amagara, kuba umuntu yarize bitwara uburyo buke kurusha kuvura indwara zikomeye cane.
Avuga ati: "Iyo ufise abanyagihugu bize neza, bashobora gufata ingingo zirushirije zo kwikingira".
Avuga kandi ko kurwanya ubushomeri bw'abakiri bato, gushinga amahinguriro agezweho, "kwumva ibibazo vya poritike" no guteza imbere ukungana kw'ibitsina muri Kenya vyose bizova mu guteza imbere indero.
Avuga ati: "Ni ibuye ry'urutare, n'umushinge mwiza cane.''
Angel ashigikiye ihimiriza ry'uko abakobwa baronka amahirwe nk'ayo abandi mu kuja mu mashure, haba mu bice vy'abirimizi co kimwe no mu bisagara, ivyo akaba ashaka ko bishikana ku guserukirwa neza mu bindi bice vy'ubuzima nka poritike n'amategeko.
Avuga ko inama nk'iryo koraniro ry'isi zikeneye guha akanya ko kugira ico bashikirije abasanzwe badahabwa amahirwe yo kuja mw'ishure.
Ku vyerekeye niba ibihugu bitanga imfashanyo vyoshigikira indero mu bindi bihugu, avuga ko ibihugu kimwe kimwe ukwaco bidakwiye kuraba ibivyerekeye gusa - kuko ingorane zo kuregero mpuzamakungu amaherezo navyo zizobigirako ingaruka, haba biciye ku mpunzi, kuri Covid-19 canke kw'ihindagurika ry'ibihe.
Avuga ko ico ari kimwe ''mu vyigwa twakuye kuri Covid-19".
"Ikiza cadutse mu Bushinwa ubu kiriko kiragira ingaruka ku muntu ari mu karere kari kure cane y'ibisagara muri Kenya."
Avuga ati: "Dufise inshingano zo kuba abantu basangiye uburaro n'uburamuko kw'isi yose kugirango tuvugane bene ibi bibazo."










