Uganda: ‘Kenya igize umeze nkanje, u Rwanda uko...twokubaka Afrika nziza’ – Katumba

John Katumba

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, John Katumba, umukandida yigenga, yarangije muri Makerere umwaka ushize, arashaka kuba prezida wa Uganda

Cyriaque MUHAWENAYO/BBC Gahuzamiryango i Kampala

John Katumba niwe mukandida mutoya mu 10 bashaka gusubirira Kaguta Museveni, nawe yipfuza kuguma ku butegetsi, Katumba avuga ko atowe agomba gusubizaho ibiringo vy'umukuru w'igihugu.

Mu kwezi kwa mbere umwaka ushize nibwo yahejeje amashure y'ubudandaji muri kaminuza ya Makerere, yaratunguranye ubwo yemerwa nk'umukandida mu matora azoba kuwa kane w'iyi ndwi.

Imbere y'iwe ariko hariho abakandida 10 batoroshe, barimwo Yoweri Museveni - John Katumba bagiye guhatana yavutse asanga amaze imyaka 10 ategeka, n'ubu yipfuza gukomeza.

Mu 2017, Uganda yavuguruye ibwirizwashingiro, imyaka ntarengwa (hagati ya 35 na 75) ivanwa mu bisabwa uwipfuza gutwara Uganda.

Mu myiyamamazo agira ati: "Ndabasavye nshimitse dushireho ibiringo, ntituzopfira ku butegetsi… turakeneye iragi..iragi rya prezida''.

"Ubu mfise imyaka 24, ibaye myinshi notwara imyaka cumi, nohava mba umuhanuzi w'umukuru w'igihugu ku neza y'abariko baravuka''.

"Mbaye umuhanuzi wa prezida, Kenya ikaronka uwumeze nkanje, u Rwanda uko nyene…twoba turiko turubaka Afrika nziza."

Katumba ngo ntavuga impinduka mu majambo gusa ahubwo azanye impinduka mu bikorwa

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Katumba ngo ntavuga impinduka mu majambo gusa ahubwo azanye impinduka mu bikorwa

Katumba ntafise akazi kazwi akora kuko ahejeje amashure vuba, avuga ko ataje avuga ku majambo gusa ko ibintu bikwiye guhinduka, ahubwo ko aje guhindura ibintu.

Ati: "Ubu muri Afrika turahanzwe n'ikibazo co gukoresha neza amabanga tujejwe…igiturire cariraye, ni co gituma mvuga ko nzokuraho inyifato yahahora nzane ubundi buryo bwo gukora."

Yipfuza kunagura igisata c'indero uhejeje amashure yisumbuye azoba afise umwuga ushobora kumutunga.

Iyo biguma uko John Katumba ubu yari gutegereza indi myaka 11 kugira yemerwe guhatanira uyu mwanya w'ubutegetsi.

Katumba mu myiyamamazo

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Katumba mu myiyamamazo

Imyiyamamazo y'amatora y'umukuru w'igihugu y'abakandida 11 barimwo umugore umwe, bitegekanijwe ko irangira ejo kuwa kabiri.

Yaranzwemwo imishamirano hagati y'abatavuga rumwe na reta n'inzego zijejwe umutekano aho hari n'abapfuye abandi barapfungwa, benshi bakaba ari abayoboke ba Bobi Wine ahanganye cane rwose na prezida Museveni muri ayo matora.