Amatora muri Uganda: Hariko hakwiragira amakuru atari yo kuri Joe Biden n'abandi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe mu kwa mbere kuza hitezwe amatora muri Uganda, hari ibinyoma vyinshi biriko birakwiragira muri kino gihe c'imyiyamamazo yaranzwemwo imishamirano ikomeye.
Perezida Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986, ahanganye n'abamurwanya 11, harimwo n'umunyamuziki azwi kw'izina rya Bobi Wine.
Bimwe mu binyoma biriko birakwiragizwa muri kino gihe c'imyiyamamazo harimwo n'amakuru y'irementanya, rimwe rimwe mbere ugasanga n'amareresi.
Bimwe muri ivyo, harimwo ivyerekana ko umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika aherutse gutorwa afasha Bobi Wine, umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda.
Igisata ca BBC kijejwe kwihweza ibivugwa (BBC Reality Check) caraciye irya n'ino bimwe muri ivyo bivugwa.
Joe Biden ntariko afasha abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda
Akarorero ni nk'iyi reresi ivuga ngo "umviriza ingene Joe Biden avuga ku vyerekeye intwaro rusangi muri rya sekeza ryo kurondera gupfunguza Bobi Wine.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Aka karorero ka mbere ni ireresi yakwiragijwe cane, aho abakoresha imbuga hwaniro bavuga ko yerekana umukuru w'igihugu wa Amerika aherutse gutorwa Joe biden ari mu myiyerekano, asaba ko Bobi Wine arekurwa.
Bamwe mbere bavuga ko yerekana Biden ariko aramushigikira muri ano matora ya Uganda.
Uyu mugabo w'umuzungu ariko aravuga muri iyi reresi yumvikana avuga ati: "Twese dushaka uburenganzira bwo gusenga uko dushaka. Twese turi hamwe, dushaka demokarasi muri Uganda".
Ariko uyu mugabo si na Joe Biden kandi iyi reresi imaze imyaka ibiri.
Iri ni ikoraniro ryabereye mu gisagara ca Boston, uyu muzungu ariko avuga akaba yitwa Nick Carter, umunyapolitike wo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats) ariko yiyamamaza mu matora y'akarere.
Muri iyo reresi, avuga ikiringo c'iminota itatu ariko asaba abanyagihugu bo muri ako karere ko bomutora ngo abe mu nama mpanuzwajambo y'intara ya Massachusetts.
BBC yaranegereye abajejwe kumenyesha amakuru ku ruhande rwa Biden, bakavuga bati: "Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa ntarigera anandika ubutumwa kuri Twitter canke ngo asohore itangazo iryo ari ryo ryose kuri aya matora ya Uganda".
Bavuga ko ubutumwa aherutse kwandika kuri Uganda ari ubwo mu kwezi kw'icumi 2019, aho yavuga ku bijanye n'ikibazo c'uburenganzira bwa ba bantu bari mu murwi w'abahuza ibitsina babisangiye.
Eka na Barack Obama nawe nyene nta ruhara afise muri ayo matora
Mu kwezi guheze, Barack Obama yahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika niho yatanguye kuboneka mu makuru yakwiragizwa ku mbuga hwaniro ashigikira abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda.

Barack Obama aboneka mu butumwa bwa Twitter n'urufunguruzo #FreeBobiWine, bisa n'uko ari biri muri compte yiwe.
Ariko Obama ntiyigeze yandika ubwo butumwa kuri iyo tariki yerekanywa, n'aho iyi sanamu yerekana ko ubu butumwa bwakwiragijwe (retweet) hafi incuro umuriyoni.
Kimwe mu vyerekana ko ari irementanya, uravye ivyandiko, urabonamwo udukosa tumwe tumwe. Akarorero ijambo "iPhone", ryanditse nabi kuko bakoresheje urudome rukuru rwa 'i' (IPhone).
Ikindi, abakoresha Twitter, hari akamenyetso ko kwemeza ko compte ari iy'ukuri, gasanzwe gafise ibara ry'ubururu, ariko kuri iyi sanamu gafise ibara ryera.











