Uganda: Abapfuye mu migumuko iturutse ku matora yimirije bageze kuri 28

Abashigikiye Bobi Wine barakoze imyiyerekano basaba ko arekurwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Bobi Wine barakoze imyiyerekano basaba ko arekurwa

Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abantu batari munsi ya 28 ari bo baguye mu migumuko yadutse ku wa gatatu mu kwiyamiriza ihagarikwa rya Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine, ari mu bahanganye na Perezida Yoweri Museveni mu matora yo mu 2021.

Abandi bantu barenga 60 bakomerekeye muri iyo migumuko. Abarenga 500 bahagaritswe.

Col Deo Akiiki, icegera c'umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, yavuze ko bongereje abasirikare i Kampala no mu mabarabara yose ahinjira, mbere no mu mijyi ikomeye, mu guhosha imigumuko.

Yavuze kandi ko bagiye kongereza ibikorwa vyo gucungera umutekano mu bibanza bikomakomeye, nko mu bubiko bw'ibitoro n'aho bicururizwa.

Mu gatondo ku wa gatatu, Bobi Wine yarahagaritswe n'igipolisi ari mu buseruko bwa Uganda aho yagira atanguze imyiyamamazo.

Kimwagiriza kwegeranya abantu barenga 200 bemewe n'umurwi ujejwe gutegura amatora, imwe mu ngingo zafashwe muri ico gihugu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwira rya ca kiza karanda ca Covid-19.

Ibi vyatumye haduka imigumuko ku mugwa mukuru Kampala no mu bindi bisagara inyuma y'aho abanywanyi biwe bumvise ko umuntu wabo yahagaritswe n'igipolisi, basaba ko arekurwa.

Igipolisi ntikiramenyesha ingene abo bantu bapfuye abandi bagakomereka.

Hagati aho, hari amasanamu yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana abantu buzuye amaraso, bamwe badakoma, basa n'abarashwe bagapfa.

Itangazo ryasohowe n'ishirahamwe Croix-Rouge muri Uganda rivuga ko abakozi baryo bari ku rubuga bakiriye abantu cumi n'umwe bakomerekejwe n'amasasu.

Ushigikiye Bobi Wine yahagaritswe mu burengero bwa Uganda

Ahavuye isanamu, Reuters

Ihagarikwa rya Bobi Wine ryatumye abatavuga rumwe n'ubutegetsi basanzwe bariko barahiganwa bahagarika imyiyamamazo yabo, bagasaba ko mugenzi wabo abanza kurekurwa.

Bavuga ko babona bitobakundira kubandanya imyiyamamazo mu gihe mugenzi wabo abandanya ahohoterwa n'igipolisi ku mvo zidafise ishingiro.

Abamuburanira bavuga ko gushika ubu ataramenyeshwa ivyo yagirizwa.

Abakukuruke babiri b'intwazangabo mu gisirikare ca Uganda, Mugisha Muntu na Henry Tumukunde, basaba igipolisi guhagarika itoteza ku batavuga rumwe n'ubutegetsi n'abanyagihugu.

Hari ibikorwa vy'imyiyamamazo vy'abatavuga rumwe n'ubutegetsi vyagiye biburizwamwo canke bihagarikwa n'igipolisi.

Hampande ya Bobi Wine, Patrick Amuriat Oboi, uwundi munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Museveni, na we nyene yarahagaritswe.

Amerika iriyamiriza iyi migumuko

Leta Zunze Ubumwe za Amerika iriyamiriza iyi migumuko yadutse ku mugwa mukuru Kampala no mu bindi bisagara vya Uganda.

Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'ubuserukizi bw'iki gihugu i Kampala risaba "impande zompi kwirinda intambara", hagafatwa n'ingingo zo kugarukana icuka ciza mu gihugu, kandi uburenganzira bwa muntu bukubahirizwa.

Amatora muri Uganda ategekanijwe mu kwa mbere kw'umwaka uza wa 2021, Perezida Museveni amaze imyaka 34 arongoye iki gihugu - ni ukuvuga kuva mu 1986 - akaba ari mu bahiganira ico kibanza.

Yabanje guhindura ingingo y'ibwirizwashingiro yamubera intambamyi kubera imyaka yiwe.