Uganda: Sentare yagiriza Bobi Wine ko yabeshe ku myaka yiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare yo muri Uganda yarengukishije Robert Kyagulanyi, azwi cane nka Bobi Wine, asanzwe ariko arondera kwitoza kuba umukuru w'igihugu, imwagiriza ko yahaye amakuru atari yo umurwi ujejwe gutegura amatora ku bijanye n'imyaka yiwe.
Sentare nkuru yo mu karere ka Wakiso yategetse ko ategerezwa kwitaba urubanza ku wa 16 z'uku kw'icenda ruzomuhuza n'umunyamategeko, Male Mabirizi, ashaka kuburanya ku giti ciwe uyu mucuranzi yahindutse umunyapolitike.
Mu rubanza yashingishije ku wa 03 z'ukwezi guheze kwa munani, Mabirizi avuga ko impapuro z'amashure yize zerekana ko Bobi Wine yavutse ku wa 12 z'ukwa kabiri 1980.
Iyi tariki itandukanye n'iyiri kw'ikarata ndangamuntu be no ku rupapuro yujuje agahereza umurwi ujejwe gutegura amatora mu 2017 igihe agenwa kwitoreza intebe y'ubushingamateka.
Karangamuntu ya Bobi Wine yerekana ko yavutse ku wa 12 z'ukwa kabiri 1982.
Iyo sentare nyene imwagiriza kandi ko "yashoboye kwiyandikisha akoresheje ibinyoma n'impapuro z'ububeshi".
Impari ku myaka y'uyu munyapolitike ashaka kwitoza ngo abe umukuru w'igihugu, be no ku mpapuro ziwe zerekana amashure yize, zimaze indwi zitari nke zizunguruka ku mbuga hwaniro.
Ku rubuga rwiwe rwa Facebook ejo ku wa mbere, Bobi wine yatangaje ko uru rubanza ruri mu bikorwa vya leta vyo gutesha agaciro no gucafuza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Uyu mukuru w'umugambwe National Unity Platform (NUP) asigura kandi ko se wiwe yahinduye itariki y'amavuka yandika 1980 igihe yari akiri mu mashure y'intango kugira ngo ashobore gukora ikibazo ca leta kuko umuryango utari ufise ubushobozi bwo kurihira amashure abo bavukana bose.
Uru rubanza rwugurujwe mu gihe Bobi Wine asanzwe yagirizwa ibindi vyaha vyo guhemukira igihugu be no gushaka kubabaza canke gushinyaguriza Perezida Yoweri Museveni.
Mu gihe yoramuka yagiriwe n'iki caha co kubesha ku myaka, umugambi wiwe wo kwitoza ku giti c'umukuru w'igihugu mu 2021 ufise guhura n'ingorane.
Nk'uko ibwirizwashingiro ry'ico gihugu ribivuga, umuntu uwo ari we wese yagiriwe n'icaha c'ubuhemu ntashobora kwitoza kuba umukuru w'igihugu.










