Kenya: Amashure yuguruwe inyuma y'amezi icenda yugawe kubera Covid

Abanyeshure bo mu myaka ya nyuma basubiye kw'ishure mu kwezi kwa 10

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanyeshure bo mu myaka ya nyuma basubiye kw'ishure mu kwezi kwa 10

Abana baharurwa muri za miliyoni basubiye mu mashure mato mato n'ayisumbuye muri Kenya aho bategerezwa kwisunga ingingo zo kwirinda ikwiragizwa ry'ikiza ca coronavirus.

Abanyeshure bo mu myaka ya nyuma bari basubiye kw'ishure mu kwezi kwa 10 ariko barahawe akaruhuko mu minsi ya Noel n'umwaka mushasha.

Ubushikiranganji bw'indero bwasavye abigisha gukoresha uburyo bwose bushoboka, harimwo no kwigira munsi y'ibiti, kugirango abanyeshure ntibegerane cane.

Abavyeyi basabwe kugurira udufukamunwa abana babo ariko reta yemeye kuduha aboba batashoboye kuturonka.

Abigisha barenza imyaka 58 n'abandi basanganywe ingorane z'amagara basabwa gukoresha ubuhinga bwo kwigisha bari kure (nk'i muhira) canke bigishirize hanze (nko mu kibuga).

Prezida Uhuru Kenyatta ku wa gatandatu yatangaje ko ingingo y'umukwabu wo kudatembera mw'ijoro igiye kumara ayandi mezi atatu.

Kenya gushika ubu iharura 96.802 vy'abantu bamaze kwandura umugera wa coronavirus na 1.685 bamazwe kwicwa n'iyo ndwara, hakurikijwe ibiharuro bitangwa n'abajejwe amagara y'abantu.