Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan -Taliban: Urwamo rw'amasasu rwo kwigina itaha ry'Abanyamerika
Mu gisagara ca Kabul humvikanye urwamo rw'amasasu menshi rwo kwigina ukuva mu gihugu kw'ingabo za nyuma za Amerika mw'ijoro ryakeye - ikiringo caranze irangira ry'imyaka 20 izo ngabo zari zimaze muri ico gihugu.
Umunyamakuru wa BBC Lyse Ducet ari i Kabul yakurikiye ingene vyari vyifashe igihe inkuru yamenyekana ko indege ya nyuma y'Abanyamerika ihagurutse, yabwiwe mugenziwe yariko aramubaza ikibiriraraho kuri mboneshakure (television) ati :
"Wewe umviriza ibiriko biraba mu kirere hejuru yacu mu gisagara ca Kabul. Niba atari ikimenyamenya [ko abanyamerika bavuye burundu mu gihugu] sinzi icari co. Wewe umviriza urwo rwamo rw'amasasu".
Mu mafoto: Ingene abashigikiye aba Taliban biginye muri Kandahar
Aba Taliban n'ababashigikiye mu gisagara co mu bamuko ca Kandahar biriwe barigina inyuma y'aho ingabo za Amerika ziviriye muri ico gihugu.
Kandahar nico gisagara kiza ubugira kabiri mu bunini muri Afghanistan. Ni naco gifatwa nk ''iwabo w'umutima w'aba Taliban".
Abantu muri ico gisagara biriwe barazunguka mu mabarabara bazungagiza amabendera y'aba Taliban mu kwigina irangira ry'imyaka 20 ingabo za Amerika zari zimaze muri ico gihugu.
ukwigina muri Kandahar
Yakejewe kuba yavuye ku butaka bwa Afghanistan ubwa nyuma
Gen Major Chris Donahue niwe yabaye umusirikare wanyuma wa Amerika mu kuva ku butaka bwa Afghanistan. Niwe yuriye ubwa nyuma indege C-17 yatahukanaye ingabo za nyuma za Amerika mw'ijoro ryakeye.
Uwo mu komanda wa division y'indege ya 82 yashimagijwe cane ku mbuga hwaniro.
Alex Plitsas yanditse kuri twitter ati: " Ico niko uburungozi busa… yabanje kuraba ko abasirikare bose binjiye mu mutekano".
Uwundi akoresha twitter iblondeitall ati: "Niwe akoza ikirenge hasi ubwa mbere, niwe wa nyuma mu kuva ku butaka"
Intwazangabo yavyigiye muri kaminuza ya gisirikare ya West Point , Donahue- jenerari w'inyenyeri zibiri - afise uburambe kandi bw'amateka meza mu ngabo za Amerika.
Yaranagwanye mu ntambara ya Iraq mu 2003-11. Niwe yatwaye ingabo za Delta Force squadron muri Afghanistan mu gihe cataziriwe ''isugerezwa " mu 2011, hanyuma aba umukuru w'ibikorwa vya gisirikare mu 2019-20.
Abategetsi ba Amerika bavuga ko bafatanije n'ibihugu bacuditse , bashoboye kuvana muri Afghanistan abantu bashika ibihumbi 123 imbere y'umunsi ntarengwa wa 31 isaha zitandatu z'ijoro.
Ariko haracasigayeyo abanyamahanga benshi, barimwo amajana y'Abongereza n'Abanyamerika bari hagati ya 100 na 250, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Ministre w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Dominic Raab yavuze ko Ubwongereza bukeneye guhangana n''uko ibintu bisigaye vyifashe'' muri Afghanistan hanyuma bakorane n'ibindi bihugu kugira botse igitutu aba Taliban ariko mu buryo bworoheje.
Hagiye gukurikira iki?
Hamaze igihe atawuzi iyo ibintu biva n'iyo bija kuva aba Taliban bigaruriye ubutegetsi muri Afghanistan hakaba hagumye ibibazo vyo kumenya ingene reta nshsaha igiye kuba imeze.
Ariko umushikiranganji bwa Pakistan ajejwe imigenderanire yavugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ko "reta yumvikanyweko igiye gushingwa mu minsi ya vuba" muri Afghanistan.
Aba Taliban bari bavuze ko bari mu biganiro n'imigwi yose kugira bashike ku mwumvikano wo gushinga reta.
Ingene uwo mugwi uzotwara igihugu n'ico intwaro yabo izoba ivuze ku bagore, uburenganzira bwa muntu n'ubwisanzure muri poritike gushika ubu ntibiramenyekana.