Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Impunzi zizotahira he inyuma y'aho aba Taliban bafatiye ubutegetsi?
- Umwanditsi, Inkuru y'umurwi w'abanyamakuru b'amashusho
- Igikorwa, BBC News
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bariko barahunga Afghanistan kuva aho aba Taliban bigaruriye ubutegetsi, inyuma y'imyaka hafi 20 babwomoweko n'ingabo mpuzamakungu zirongowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibi bitigiri biguma biduga vy'abantu barondera kuva mu gihugu, vyiyongera ku miriyoni 2.2 z'izindi mpunzi zari zisanzwe ziba mu bihugu bibanyi, hamwe n'abanyagihugu imiriyoni 3.5 bahungiye hagati mu gihugu kubera indyane zibandanya hamwe n'imidugararo ishingiye kuri poritike.
Abanya Afghanistan bariko barahunga bangana gute?
Muri kino gihe, igitigiri ntikiratomoka neza.
Aba Taliban bagenzura imihora yose ijana mu bihugu bibanyi, kandi bakavuga ko badakeneye ko abanya-Afghanistan bava mu gihugu. Amakuru avuga ko abadandaza canke abafise impapuro z'inzira ari bo bonyene bemerewe kujabuka.
Ku wa gatanu, umuvugizi w'ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi (UNHCR) yavuze ati: "Abenshi mu ba nya Afghanistan ntibashobora kuva mu gihugu mu nzira zizwi. Gushika uno musi, abantu bashobora kuba bageramiwe nta buryo bafise bwo kuva mu gihugu".
Ariko n'aho bimeze uko, hari impunzi zimwe zashoboye kuronka inzira zo kuva mu gihugu.
Abanya-Afghanistan baharurwa mu bihumbi bavugwa ko bashoboye guhungira muri Pakistan haciye akanya gato aba Taliban bigaruriye Kabul, mu gihe abababa 1500 nabo bavugwa ko binjiye muri Uzbekistan, ubu bakaba baba mu mahema hafi y'urubibe.
I Kabul, ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu babandanya bisuka ku kibuga c'indege mpuzamakungu - muri kino gihe kikaba ari co conyene kiriko kirakora - mu kugerageza kurondera ingene bohunga.
Ku wa Mungu, umutegetsi wo mu biro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika (Maison Blanche/White House) yavuze ko Amerika n'incuti zayo gushika ico gihe bashoboye kuvana i Kabul abarenga 30.000 kuva ku wa 14 z'uku kwezi kwa munani, n'aho muri bo igitigiri c'abanya-Afghanistan kitazwi neza.
Abataye izabo bangana iki?
Ibitigiri vy'abanya Afghanistan bariko barahunga muri kino gihe biri mu bitigiri binini bidakunze kuboneka vy'abarondera ubuhungiro bava muri kino gihugu kimaze imyaka itari mike carasinzikajwe n'umutekano muke n'indyane.
N'imbere y'uko aba Taliban basubira kwigarurira ubutegetsi, abantu barenga 550.000 bari bamaze guteshwa izabo muri uno mwaka kubera intambara, nk'uko bivugwa na UNHCR.
Ibi bivuga ko hafi Abanya-Afghanistan imiriyoni 3.5 bahungiye hagati mu gihugu.
Kuri aba bahungiye hagati muri Afghanistan, hafi imiriyoni 2.2 z'impunzi n'abasaba ubuhungiro bariko bararondera aho bakika umusaya mu bihugu bibanyi mu mpera z'umwaka uheze.
Muri uno mwaka, Abanya-Afghanistan barahuye n'ikibazo c'uruzuba rwinshi n'ubukene bw'imfungurwa mu gihugu hafi cose.
Icegeranyo casohowe mu kwa gatandatu n'ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi PAM/WFP, kivuga ko abantu imiriyoni 14 - abarenga ica gatatu c'abanyagihugu bose - bari basinzikajwe n'inzara.
None impunzi za Afghanistan zihungira he?
Mu mwaka uheze, ibihugu bibanyi Pakistan na Iran, ni vyo vyakiriye ibitigiri binini vy'Abanya-Afghanistan b'impunzi n'abarondera ubuhungiro.
Hafi abantu imiriyoni 1.5 ni bo bahungiye muri Pakistan mu 2020, mu gihe Iran yakiriye 780.000, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vya UNHCR.
Ubudagi bugira gatatu, n'impunzi zirenga 180.000, mu gihe Turukiya yakiriye hafi 130.000.
Turavye ku bitigiri vy'abarondera ubuhungiro - ni ukuvuga abasavye ko bajanwa ahandi ariko bakirindiriye - Turukiya, Ubudagi n'Ubugiriki biza imbere, uko bikurikirana bikaba bifise ibitigiri hafi 125.000, 33.000 na 20.000.
N'aho muri Iran ata bariyo barondera ubuhungiro, abasanzwe barahungiyeyo bakaba bafise amakarata y'impunzi bashobora kugira uburenganzira bwo kuvurwa no kwiga muri ico gihugu.
N'aho hari ibihugu vyatangaje ko bidashobora kwakira Abanya-Afghanistan bahunga, hari ibindi vyemeye kubaha ubuhungiro, ibi navyo ni: Iran, Pakistan, Tajikistan, Uzbekistan, Ubwongereza, Amerika, Canada, Australia, ibihugu vyo mw'ishirahamwe rya Bulaya (EU/UE), Ubudagi, Ubufaransa, Autriche/Austria, Ubuswisi, Turukiya, North Macedonia, Albania na Kosovo.
Ku mugabane wa Afrika, Uganda nayo yaremeye kwakira impunzi z'abanya-Afghanistan 2000, iki gihugu kikaba ari co gifise ibitigiri binini vy'impunzi ku mugabane wose wa Afrika, kikaba kigira gatatu kw'isi.