Rwanda - Burundi: "Ivyo twasavye Urwanda ntirurabishitsa" - Alain Guillaume Bunyoni

Umushikiranganji wa mbere w'u Burudi, Alain Guillaume Bunyoni (isanamu yo mu 2020)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Alain Guillaume Bunyoni avuga ko ivo Uburundi bwagiriza Urwanda bigihari

Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko imigederanire n'igihugu c'Urwanda itaraba myiza inyuma yo gutosekera kuva mu 2015.

Yabivuze yishura ibibazo vy'abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze ahejeje kuraba aho abashikiranganji biwe bagejeje gushira mu ngiro imigambi ya reta.

Alain Guillaume Bunyoni avuga ko iyo migenderanire "itaragenda neza kuko ivyo twasavye Urwanda n'ubu ntirurabishitsa."

Mu kwezi kw'indwi, umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze ko ari "igitangaro" kubona Urwanda rwarungitse umushikiranganji warwo wa mbere Edouard Ngirente kuruhagarira mu birori vyo guhimbaza imyaka 59 Uburundi buronse intahe yo kwikukira.

Ivyo Bunyoni yagarutseko

Alain Guillaume Bonyoni yagarutse ku vyo Uburundi bwamye bwagiriza Urwanda kuva mu 2015 harimwo: .

  • Abatera Uburundi bava muri ico gihugu;
  • guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015;
  • guha indaro amaradiyo avuga nabi Uburundi.

Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko abari bateguye gutembagaza ubutegetsi "guhera kuri General Godefroid Niyombare bashikiye mu Rwanda bakirwa nk'abami, ivyo birazwi".

"Ntaco bokora harya mu Rwanda ngo bavuge ngo twebwe abarundi ntitwokimenya kuko dufiseyo incuti, tuvuga ururimi rumwe, ivyo rero ni ibintu bisanzwe bigaragara."

Ivyo Urwanda rwagirizwa n'Uburundi rwagumye rubihakana, ahubwo narwo rukagiriza Uburundi ko abarurwanya bo mu muharui witwaje ibigwanisho wa FLN batera bava mu Burundi aho bafise ibirindiro.

Haheze igihe hari intambwe zo kunagura imigenderanire ziterwa hagati y'Uburundi n'Urwanda.

Kimwe mu vyabaye nk'ikimenyetso gikomeye ni urugendo rw'umushikiranganji wa mbere w'Urwanda i Bujumbura.

Edouard Ngirente niwe yahagarariye igihugu ciwe mu birori vy'imyaka 59 Uburundi bwari bumaze buronse intahe yo kwikukuira itariki ya mbere ukwezi kw'indwi.

Mu vyo reta y'Uburundi isaba Urwanda harimwo kubushikiriza abo buvuga ko ruhaye indaro kandi baronderwa n'Ubutungane ku vyaha boba bahunze bahejeje gukora.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko atari "gupfa kuvuga ngo imigenderanire igende neza icari catumye itosekera kitaratora umuti".