Burundi-Rwanda: Abwagwanyi 19 bari bafatiwe mu Rwanda bashikirijwe

Bamwe ny barwanyi 19 ba Red Tabara bashikirijwe Uburundi n'Urwanda ku wa 30/07/2021, Gasenyi/Nemba,

Ahavuye isanamu, FDN

Uburundi bwashikirijwe abavuga ko ari abagwanyi 19 bo mu muhari Red Tabara bari bafatiwe mu Rwanda mu kwezi kw'icenda mu 2020, ico gikorwa kikaba cabereye ku mupaka wa Gasenyi/Nemba ibihugu bisangiye mu buraruko bw'Uburundi no mu bumanuko bw'Urwanda.

Uruhande rw'Uburundi ruvuga ko rwashikirijwe ''inkozi z'iki".

Abo bantu ahanini bagizwe n'abagabo bakiri bato bashikirijwe umukuru w'igisata c'iperereza mu ngabo z'Uburundi, Colonel Ernest Musaba, na mugenziwe ajejwe imirimo nk'iyo mu ngabo z'Urwanda Brig. Gen Vincent Nyakarundi, nk'uko vyandikwa n'ibinyamakuru vyo mu Rwanda Igihe.com na New Times.

Bubicishije ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burundi buvuga ko "Urwanda rwashikirije Uburundi inkozi z'ikibi 19 z'abarundi zari zahungiye muri ico gihugu ziheje gukora amabi".

Hari kandi n'abahagarariye urwego ruhuriweko rwo gusuzuma ibibazo vy'umutekano ku mipaka mu bihugu vy'akarere mu rwego rw'inama mpuzamakungu y'ibihugu vy'ibiyaga binini CIRGL/ICGLR (Expanded Joint Verification Mechanism EJVM canke Mechanisme Conjoint de Verification MCVE).

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Abo bagwanyi bari bafatiwe muri segiteri ya Ruheru muri district ya Nyaruguru mu Rwanda mu kwezi kw'icenda 2020.

Bikimenyekana ko bafashwe, Uburundi bwari bwasavye Urwanda ko rwobubashikiriza ata zindi nzira vyiriwe biracamwo.

Inkoho za Kalashinikov

Ahavuye isanamu, FDN

Insiguro y'isanamu, Bimwe mu bigwanisho n'ibikoresho vya gisirikare abo bagwanyi bafatanywe navyo vyashikirijwe intumwa z'Uburundi

Red Tabara n'umwe mu mihari ivuga ko igwanya reta y'Uburundi ishingiye cane cane mu gihugu kibanyi ca Republika ya Democrasi ya Congo.

Reta y'Uburundi ivuga ariko ko bamwe binjiye muri iyo mihari bava iyo bari barahungiye mu Rwanda na cane cane inyuma y'igeregezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu kwezi kwa gatanu mu 2015.

Reta y'Urwanda ivyo irabihakana, gusa imigenderanire hagati y'ivyo bihugu yagumye ari mibi kuva ico gihe.

Reta y'Urwanda nayo yavuze akatari gake ko abagwanyi b'umuhari FLN uyigwanya bagaba ibitero bava ku butaka bw'Uburundi aho bafise ibirindiro.

Na reta y'Uburudi ivyo yagumye ihakana ko atari vyo na gato.

Ariko kuva mu mwaka uheze hamaze guterwa intambwe nyinshi zo kunagura iyo migenderanire.

Kimwe mu vyabaye ikimenyetso gikomeye ko intambwe igeze kure rwabaye urugendo rwa ministre w'intebe w'Urwanda mu Burundi.

Edouard Ngirente yahagarariye igihugu ciwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye itariki ya mbere ukwezi kw'indwi uwu mwaka i Bujumbura.