Rwanda: FLN irahakana gukora ibitero iva ku butaka bw'u Burundi

Isanamu mbarankuru

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isanamu mbarankuru

Umuhari CNRD-UBWIYUNGE wemeza ko usanzwe uri ku butaka bw'Urwanda kandi ko mu bitero wakoze kw'itariki 23 z'uku kwezi, wishe abasirikare b'Urwanda 21 ubatwara n'ibikoresho vyinshi vya gisirikare.

Umuvugizi w'uwo muhari, S-Lt Irambona Steven Tamboula, yanditse mw'itangazo rigenewe abamenyeshamakuru ko bateye mu karere ka Nyaruguru mu murenge wa Nyabimata hamwe no mu Karere ka Rusizi mu murenge wa Bweyeye, hamwe bahica abasirikare 6 b'Urwanda ahandi 15.

Avuga ati: "Ingabo za FLN, kw'itariki 23 z'ukwezi kwa gatanu mu 2021 zagavye ibitero bibiri bikomeye ku ngabo za RDF.

"Igitero ca mbere cabereye mu karere ka Nyaruguru mu murenge wa Nyabimata, mu kagari ka Ruhinga mu misozi ya Nyanzare, RDF ihatakariza abasirikare 6 abandi benshi barakomereka. Ariko FLN nta kibazo na kimwe yagize. Imigwano yatanguye [kw'isaha ya] 11h40 iheza 12h10.

"Igitero ca kabiri cabereye mu karere ka Rusizi mu murenge wa Bweyeye mu kagari ka Nyamuzi, RDF ihatakariza abasirikare 15 n'ibikoresho vyinshi vya gisirikare.

"Imigwano ikomeye cane yatanguye i saa tatu zijoro (21h00) iheza i saa yine z'ijoro".

Abagwanyi ba FLN barahakana bivuye inyuma gukora ivyo bitero bavuye ku butaka bw'Uburundi, bakavuga ko basanzwe bafise ibirindiro vyabo mu Rwanda kuva mu 2018.

Bavuga kandi ko batambara impuzu z'igisirikare c'Uburundi, ahubwo bakavuga ko ingabo za RDF zerekana impuzu z'abasirikare b'Uburundi bahunze bamaze kunanirwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015, ubu ngo bakaba babarizwa mu muhari RED-TABARA ugwanya reta ya Gitega ukoresheje ibigwanisho.

Uwo muhari urangiza itangazo ryawo usaba akanama ka ONU kajejwe umutekano kw'isi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ubumwe bwa Afrika kugondoza reta y'Urwanda ngo yemere ibiganiro n'abo batavuga rumwe, ngo bitabaye ivyo FLN izobandanya ibitero ku bo yise "reta y'agatsiko n'igisirikare c'ubwoko bumwe".

Kuri uyu wa mbere, igisirikare c'Urwanda cari casohoye itangazo aho cagiriza umuhari wa FLN kugira igitero mu karere ka Rusizi mu murenge wa Bweyeye baje bava mu Burundi.