Burundi-Rwanda: Ministre w'intebe yagendeye Uburundi bibonwa "nk'igitangaza"

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
"Ku barundi uru rugendo mugize ngaha ni nk'ikigitangaza babonye", umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye ivyo yabibwiye umushikiranganji wa mbere w'Urwanda Edouard Ngirente yahagarariye ico gihugu mu birori vy'imyaka 59 Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira.
Ibirori vy'uwo munsi mukuru vyabereye ku murwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura.
Umushikiranganji w'Urwanda niwe mutegetsi wa mbere w'Urwanda wo kuri urwo rwego agendeye Uburundi kuva imigenderanire hagati y'ivyo bihugu ihungabanye mu 2015.
Ibihugu vyompi biriko birayinagura kuva prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi haraheze umwaka.
Edouard Ngirente yavuze iki?

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Mu butumwa bugufi yashimye gushikiriza mu gifaransa n'ubwo abarundi basanzwe bumva ikinyarwanda, ministre wa mbere w'Urwanda, Edouard Ngirente yavuze ko igihe cashitse ko ibihugu vyompi bikorana ku neza y'abanyagihugu bavyo.
Yagize ati: "Mfite icyizere ko twese twiteguye gushimangira no guteza imbere umubano wa gicuti n'ubutwererane usanzweho ku nyungu z'abaturage b'ibihugu byombi.
"Igihe kirageze ngo Urwanda n'Uburundi byishingikirize inkingi zikomeye zifite imizi mu mateka no mu mucyo kugirango tugere ku bukungu n'iterambere birambye".
Umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yavuze ko itariki y'uno munsi ibaye ikimenyetso c'ikigabane gishasha Uburundi n'Urwanda bigiye kwandika mu migenderanire yavyo.
Ati: "Turizeye rero ko ivya kera turiko turabisozera, ibishasha bigira bishike.
"Nico gituma uyu munsi w'itariki ya mbere Mukakaro itubereye ikimenyetso gikomeye cane ku barundi."
Hari ibindi bihugu vyari vyaserukiwe
Uburundi n'Urwanda vyari bimaze imyaka itanu vyagirizanya ibirego vyinshi birimwo kimwe kimwe cose gushigikira imigwi ihungabanya umutekano w'ikindi na cane cane kuva Uburundi bwagirije Urwanda ko abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 bahawe indaro hakurya ya Kanyaru.

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Uruja n'uruza n'urudandazwa hagati y'Uburundi n'Urwanda vyaragabanutse cane.
Nta n'abahagarariye ivyo bihugu ku rugero rwa 'ambassadeur' bari bakiri mu Burundi canke mu Rwanda.
Uretse intumwa y'Urwanda, ibirori vy'imyaka 59 Uburundi bumaze bwikukiye vyari vyitabwe n'abaserukiye ibindi bihugu ku rugero n'ubwinshi ico gihugu kitari giherutse kuva mu 2015.
Hari umukuru w'igihugu ca Centrafrique Faustin-Archange Touadera, umushikiranganji wa mbere wa Tanzania, umukuru w'inama nkenguzamateka ya Kenya, abashikiranganji n'izindi ntumwa z'ibihugu bitandukanye birimwo Congo Brazaville, Misiri, Uganda, Qatar na Emirats Arabes Unis (UAE).










