UE mu nzira yo kuvanaho ibihano vyari vyafatiwe Uburundi

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE
Ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Burundi bimenyesha ko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryakuyeho ingingo yahagarika imfashanyo ku Burundi.
Na we Claude Bochu aserukira iryo shirahamwe mu Burundi yamenyesheje ko impande zibiri zatoye zinemeza ko hatangura ibikorwa vyo kuvanaho ibihano vyafatiwe Uburundi.
UE ivuga ko iyo ngingo ari intambwe ikomeye Bochu yaje kumenyesha umukuru w'igihugu kuri uyu musi wa mbere.
Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, yaba ay'abarundi canke mpuzamakungu, avuga ko hatari bwagere ko ivyo bihano bikurwaho kuko agateka ka zina muntu kakibandanya guhonyangwa.
Uburundi na EU bamaze imisi mu biganiro aho bariko barihweza ingene izo mpande zibiri zosubira kugiriranira imigenderanire inyuma yo kurabana ribi bivuye ku gutungana agatoke ku midurumbanyo yadutse mu 2015.
Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko, EAC -rigizwe n'Uburundi, Urwanda, Uganda, Tanzania, Kenya, na Sudan y'Epfo - n'iryo ubumwe bwa Afrika bamaze imisi basaba ko ibihano vyafatiwe Uburundi bihagarikwa.
Inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi na yo iheruka gukura Uburundi ku rutonde rw'ibihugu bitangirwa icegeranyo buri mezi atatu, ivuga ko ibintu muri ico gihugu biriko birasubira mu buryo.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ashika 12 uyu musi kuwa mbere yandikiye ishirahamwe rya Buraya arisaba kubanza gutenyenya guhagarika ibihano vyafatiwe Uburundi.
Ayo mashirahamwe avuga ko ivyo UE yasavye Uburundi mu 2016 ifata ivyo bihano, vyo mu kubahiriza uburenganzira bwa muntu no guhana inkozi z'ikibi hariho vyinshi bitakozwe.
Ku rubuga rwa Twitter, reta y'Uburundi iremeza ko izo nzitizi zo kudaha imfashanyo Uburundi zavuyeho.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu 2016, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya (UE) ryarafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo zigenewe Uburundi ribwagiriza kutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Iyo ngingo yaje ikurikira ingorane za politike zadutse muri ico gihugu, inyuma y'aho mu 2015 habaye ukutumvikana ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu yari ahari ico gihe, nyakwigendera Pierre Nkurunziza.
Mu ntango z'ukwezi kwa cumi mu 2015, EU yarafatiye ibihano abantu bane, ivuga ko babangamiye demokrasi mu Burundi. Iyo ngingo ariko ntiraba abo bagabo bane.






