Burundi: Bavuga ko bigoye gukura abana mw'ibarabara udatoreye umuti icahabajanye

Urunani FENADEB ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira inyungu z'abana ruvuga ko bigoye gukura abana mw'ibarabara icatumye bata imiryango yabo kidatorewe umuti.

Ejo ku wa gatatu wari umunsi mpuzamakungu wahariwe abana, washitse mu Burundi hakivugwa ikibazo c'abana bo mw'ibarabara n'ubwo leta igerageza kubakura mu bisagara ibasubiza iwabo.

Isidore Nteturuye arongoye urwo runani, avuga ko hari ibikibuze kugira umugambi leta y'u Burundi yihaye wo kubasubiza mu miryango yabo ugende neza.

Mu kiganiro yahaye BBC, bwana Nteturuye, avuga ko abana barenga 3000 bamaze gusubizwa mu miryango yabo canke mu mihana ibatunze nk'uko babibwirwa na leta.

Avuga ariko ko abenshi muri abo bana iyo basubijwe mu ntara baje bavamwo baca bisubirira mu bisagara cane cane i Bujumbura, "ugasanga basubiye kwuzura ibarabara".

Ubukene

Ikibazo ngo ntabwo ari abana ahubwo ikibazo kiri iwabo kuko hari abana bamwe banabeshya amamuko yabo kuko badashaka gusubira iwabo.

Bwana Nteturuye avuga ko ingorane ari uko icatumye bata imiryango yabo kitaba catorewe umuti, arico gituma baca bisubirira mw'ibarabara n'aho baba bashoboye gusubirana n'abavyeyi babo.

Ati: "Nta nyishu iboneka ku kiba catumye abo bana bava mu rugo bakaja mu bisagara, kuko benshi bahunga ubukene, bakaja gusabiriza mu mabarabara, abandi bakaja kwiba".

"Iyo rero ubasubije iyo bavuye ico bahunze utagitoreye umuti, bukeye barasubira bakagaruka".

Bwana Nteturuye asaba ko ibibazo bituma abana bata abavyeyi babo bakaja mw'ibarabara vyotorerwa umuti.

Ivyo navyo bikavana n'uko abavyeyi babo batabitaho, abandi nabo ugasanga ntibanabafise.

Leta y'u Burundi ivuga ko imaze kuvana abana bashika 3,000 mu mabarabara cane i Bujumbura ikabarungika iwabo, gusa imibare y'abakiri kumabarabara ntitangazwa.