Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Abana bahambwe igice babona bazira kwiba ibigori
Igipolisi mu Burundi kiriko kirarondera umuntu yoba yarahanvye abana babiri babona kugeza mu gikiriza, abaziza ko bamusoromeye ibigori.
Ivyakorewe abo bana bahambwe babona igice c'umutumba, mu mpera z'indwi iheze, biza kumenyekana ari uko amafoto yabo akomeje guhererekenywa ku mbuga za internet.
Ivyo vyabareye ku musozi wa Nyamabere muri commune Mpanda y'intara ya Bubanza.
Nyene kubahamba babona, bivugwa ko ari nyene umurima bariko bacamwo ivyo bigori.
Abo bana batabawe n'ababanyi barengutse aho yariko arabakubita nawe agaca ahunga.
Si ubwa mbere mu Burundi, abana bahohotewe muri ben'ubwo buryo, bazira kwiba ibigori mu murima.
Hari abahungu babiri baciwe igikonjo c'ububanfu, babikorewe n'abandi bana b'imiyabaga, bazira nabo nyene kwiba ibigori.
Abagiriwe n'ico caha bahawe igihano kiri hagati y'imyaka ine na 20 hamwe n'ihadabu ya miriyoni zine.