Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abacamanza bavuze ko abana basibanganije ifoto ya Prezida w'u Burundi bazobihanirwa
Sentare nkuru ya Kirundo yategetse ko abanyeshure b'abakobwa batatu biga mu mwaka w'indwi, bagirizwa gufutanganya ifoto y'umukuru w'igihugu iri mu bitabo vy'ishure, baguma bapfunzwe mu kurindira ko amatohoza arangira.
Abo bigeme bamaze imisi cenda bahagaritswe, baciye barungikwa mw'ibohero ry'abakobwa ryo mu ntara ya Ngozi.
Mu runani rw'amashirahamwe aharanira agateka k'abana, FENADEB, hamwe n'uwunganira abo bana basaba ko bobarekura bakaburana bidegemvya.
Bagihagarikwa kw'igenekerezo rya 12 uku kwezi, abo banyeshure bari 7, bose bo kw'ishure nshingiro Akamuri muri komine Kirundo
Bagirizwa 'kwonona isanamu' y'umukuru w'igihugu iri mu bitabo vy'ishure bakoresheje ikaramu, nkuko vyemejwe na Francois Kayonde ababuranira.
Umwe yaciye arekurwa ubwo nyene kubera adakwije imyaka yo gupfungwa, batatu nabo barekuwe inyuma y'imisi mikeya ngo kubera ata vyagiriji vyabonetse.
Batatu basigaye mu gasho nabo, ngo nibo ivyo bitabu vyari vyanditseko.
Ariko iyo mvo ku bwa Kayonde ngo ntikwiye kubera ivyo bitabu babisangira n'abandi banyeshure.
Abo bafashwe, mutoya muri bo afise imyaka 15, uwukurikira afise 16 uwundi 17.
Mu gihe Francois Kayonde yari yasavye ko borekurwa bakitaba ubutungane bidegemvya, sentare yafashe ingingo ko baguma bapfunzwe mu kurindira ko amatohoza ahera.
Uno musi mu gitondo baciye bajanwa mw'ibohero ry'abakenyezi ry'i Ngozi.
Igihe icaha cakorewe ntikizwi
Ikindi giteye amakenga umushingwamanza Francois Kayonde, ngo nuko umushikirizamanza atashoboye kwerekana igihe icaha carakorewe.
Abandanya agira ati, umwe muri abo banyeshure yakwije imyaka yo gupfungwa mu ndwi iheze, iyo nayo ikaba ari 15.
Ati mbere ivyo bitabu bivugwa, abo banyeshure babihawe atari na bishasha, ivyo kubwiwe bigasigura ko bishoboka ko ari n'abandi bavyanditsemwo imbere yaho.
Mu runani rw'amashirahamwe aharanira ageteka k'abana FENADEB ico kibazo kibateye umutima uhagaze.
Umunyamabanga mukuru w'urwo runani, Ferdinand Simbaruhije, asaba ko abo banyeshure batogwa mu mporero.
Mu mwaka wa 2016 abanyeshure barenga 10 barahagaritswe bacirwa n'imanza bagirizwa gufutanganya isanamu y'umukuru w'igihugu.
Ipfungwa ryabo ryatumye amakungu ahaguruka yiyamiriza ico yise ihohotera ry'abana bakiri bato; benshi muri bo bahavuye barekurwa.