Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Prezida Nkurunziza ntazoba umushikiranganji wa mbere, Uburundi si Uburusiya'
Mu kiganiro c'abavugizi bose b'inzego z'igihugu, umuvugizi w'umukuru w'igihugu yemeje ko prezida Nkurunziza atazosubira kwitoza kandi atazoja no mu kibanza c'umushikiranganji wa mbere nk'uko vyagenze mu Burusiya.
Jean Claude Karegwa avugira umukuru w'igihugu yishuye kandi no ku kibazo c'umumenyeshamakuru yabajije ivyerekeye amagara y'umukuru w'igihugu.
"Amagara y'umukuru w'igihugu yifashe neza. Yrahinyagaye ariko ubu ariko aratora mitende. Uko yari ameze mu kwezi guheze, si ko ameze uyu musi," uko ni ko Karegwa yavuze.
Hagarutse kandi ikibazo c'inama ya Comesa yari kubera mu Burundi mu ntango z'uku kwezi kwa gatandatu.
Umunyamabanga mukuru wa reta Philippe Nzobonariba amenyesha ko inama y'uwo muryango yimuriwe i Lusaka amategeko adakurikijwe.
Ivyo rero ngo vyatumye uburundi buhagirira uruhombo.
Avuga ko bazokwitura inzego zibijejwe kugira uburundi butunganirizwe.
«Abakuru b'ibihugu ba Comesa bari bahaye uburundi uruhusha rwo gutegura iri koraniro ndetse mbere baranadusinyira urwandiko rubiturekurira. Nta rundi rwandiko rwaje rutubuza kubandanya imyiteguro. Ariko biraboneka ko inama itakibereye mu Burundi. Tugiye kwegeranya ivyerekana uruhombo twahagiriye hama dusabe babiturihe», ni ko Nzobonariba yabwiye abamenyeshamakuru.
Ikibazo c'iyugarwa ry'amaradio BBC n'ijwi rya amerika naco nyene kiri mu vyabajijwe.
Nestor Bankumukunzi atwara CNC yasiguye ko ayo maradio yasavye imbabazi kandi CNC iriko irihweza icokorwa kugira ibintu bije mu buryo.
Ariko uwo mutegetsi aranegura imwe muri ayo maradio, n'ubwo atayidomako urutoke, ko ibandanya ikoresha umukozi aronderwa n'ubutungane bw'uburundi.
Ikiganiro c'abavugizi b'inzego zitandukanye cabereye mu ntara ya Bururi, mu bumanuko bw'uburundi.