Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abaguye mu gitero mu Cibitoke mu Burundi bapfubwe uno munsi
Kuri uno wakabiri niho hashingurwa abanyagihugu 26 baguye mu gitero c'abagizi ba nabi cabereye ku mutumba wa Ruhagarika muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke, mu burengero bw'u Burundi.
Bashinguwe kuri uwo mutumba nyene hafi y'ahabereye igitero cabahitanye.
Abategetsi batandukanye n'intumwa za reta, abaserukira umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu(CNIDH), abaserukira ibihugu vyabo harimwo uwuserukira Ububirigi, Ubufaransa n'intumwa ya Papa mu Burundi, bishikiye ahabera igikorwa co kubashingurana iteka.
Igitero abo banyagihugu 26 baguyemwo cabaye mw'ijoro ryo ku wa gatanu w'indwi iheze buca ari ku wa gatandatu.
Amakuru ava aho mu Ruhagarika avuga ko uwo mugwi w'abagizi ba nabi wari witwaje imipanga n'inkoho.
Nkuko amafoto yafatiwe muri ico kibanza avyerekana, biboneka ko bamwe bagandaguwe baturiwe.
Ubushikiranganji bw'umutekano bwatangaje ko uwo mugwi waciye uhungira mu gihugu ca Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo.
Umushikirizamanza mukuru wa republika Sylvestre Nyandwi kuri uyu wa mbere yarashinze umugwi ujejwe kugira amatohoza ku bakoze ubwo bubisha, ukaba ufise ikiringo c'ukwezi ngo ube watanze icegeranyo.
Sylvestre asaba abategetsi ba Kongo gufasha kugira abahungiyeyo bamaze gukora iryo bara bafatwe bashikirizwe ubutungane.