Imiriyoni 23 zaribwe mw'iposita mu Cibitoke ku bwa "maji"

Amakuru ava muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw'u Burundi, avuga ko hari amahera y'ibwe mu biro vy'iposita hakoreshejwe ivyokwitwa amarozi canke "maji".

Nk'uko bivugwa n'uwujejwe igisata gitanga ingurane ntoyi kuri ivyo biro, ngo yabonye umuntu aza guhinduza inoti y'ibihumbi cumi.

Vyumvikana ko iyo noti yaciye ishirwa muri ayo yandi mahere, uwo yaje guhinduza iyo noti amaze kugenda ngo uwukora kuri kese aca asanga amahera yose yanyitse.

Yabandanije avuga ko barondeye hose uwo muntu yoba yatwaye ayo mahera afise agaciro k' 16.000 vy'amadolari, ariko barabura irengero ryiwe.

Abantu babiri bakora kuri iyo posita ubu baramaze gutabwa muri yombi kubera imvo z'itohoza.

Abajejwe icicaro gikuru c'iposita i Bujumbura bavuga ko barindiriye ikizova mw'itohoza ry'igipolisi c'inyamiramabi.

Twobamenyesha ko umuvugizi w'igipolisi c'u Burundi, Pierre Nkurikiye, yatangaje ko ayo makuru ari yo, akavuga ko itohoza ryatanguye.

Bisa nko muri Nigeria

Naho atawuragirizwa ikintu na kimwe, ibi vyibutsa ibiheruka kuba mu gihugu ca Nigeria, aho umukozi wo mu biro vya leta bijejwe gutanga ibibazo mu mashure, nawe yatakaje amahera ku buryo budasanzwe.

Philomena Chieshe yabajijwe aho amafaranga afise agaciro kangana n'ibihumbi ijana vy'amadolari ya Amerika yagiye, aca avuga ko yamizwe n'inzoka.

Iyo nkuru yaratangaje benshi mu bayikurikiranye, kuko vyari bigoye cane gutegera ukuntu inzoka yomira amafaranga nk'ayo kandi ntihagira uwubona aho yaciye.