Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Abana babiri baciwe ibikonjo bazira kwiba ibigori
Abana babiri baciwe ibikonjo ku maboko y'i bubamfu n'abahungu babiri biga mu mashure yisumbuye babaziza kwiba ibigori mu murima.
Ishavu akababaro n'agahinda n'ivyo vyaraye biracanacanako inyuma y'aho abantu babonneye ku mbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp na facebook haboneka abana babiri, umwe w'imyaka 5 uwundi 9 baciwe ibikonjo bazira kwiba ibigori.
Ivyo bikaba vyabereye muri komine Itaba yo mu ntara ya Gitega hagati mu Burundi.
Abakoze iryo bara n'abanyeshure biga mu mwaka w'indwi n'uwa cumi na rimwe mu mashure yisumbuye.
Bose ko ari babiri bafashwe bakaba bapfungiwe mu gasho k'igipolisi ko muri komine Itaba.
Abo bana baciwe ibikonjo baciye banyarukanwa kwa muganga.