Perezida Yoweri Museveni yavuze ko: "Abanyafrikakazi bakwiye gutunga imishatsi yabo"

Umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yacishijemwo ijisho umwigeme aherutse gutsindira agashimwe k'umukobwa wa mbere mwiza ku mugabane wa Afrika mu kuba "yambaye imishatsi y'abahindi".

Arungika ifoto ku buryo bwa Twitter ari kumwe n'umugandakazi Quinn Abenakyo amaze gutsindira ako gashimwe, yavuze ati "dukwiye kwerekana ubwiza bwa Afrika uko busanzwe bumeze".

Abajijwe ico Bwana Museveni yagomvye gusigura ku "mishatsi y'abahindi", umuvugizi wiwe Don Wanyama yabwiye BBC ati: "Raba kw'ifoto urabona irya mishatsi iyariyo.

"Ni imishatsi y'imyomekano, ashaka kuvuga ko umuntu akwiye gutunga imishatsi yavukanye."

Ku mbuga hwaniro abantu benshi bashigikiye Miss Abenakyo gukora umutwe wiwe uko avyumva, baca bishura Perezida Museveni ku majambo yavuze y'"imishatsi y'abahindi".

Igihugu c'Ubuhindi kiri mu vya mbere bihingura imishatsi abigeme bambara (perruque) canke bomeka ku mitwe.

'Nta muntu akwiye kuvuga ingene ukwiye kumera'

Miss Quinn Abenakyo yabwiye BBC ko ashigikiye ivyo Perezida yavuze "kudakoporora imigenzo y'abanya Buraya", ariko yongera ati:

"Ni 50/50 kuri jewe uravye ibihe n'ingene uba wiyumva. Nta muntu akwiye kuvuga ingene ukwiye gutunganya umutwe wawe n'ivyo ukwiye gukora. Iyo wumva bikuryoheye ico nico gikuru."

Miss Abenakyo yavuze ko ari umuntu "wa mbere aryohewe cane kw'isi" inyuma yaho atsindiye ako gashimwe.

Hano munsi aboneka atwenga iruhande ya Perezida:

Kuri Twitter bamwe bavuze ko ari amakosa kugenzura ivyo abakobwa bashira ku mibiri yabo n'ingene bakwiye kwitunganya:

Abandi bashigikiye Perezida, mu gihe abandi bagarutse ku mutwe wiwe udafise imishatsi: