Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ange Bernice Ingabire Miss Burundi 2016-2017
Ange Bernice ingabire, umwigeme w’imyaka 21, niwe yaraye atowe mukibanza c’umwigeme w’umurundikazi mwiza kandi w’incabwenge mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2016-2017.
Uwo mwigeme yiga muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi mu mwaka wa kabiri.
Avuga ko agiye kwihutira gufasha abatishoboye cane cane abana bavukana ingwara z’ubumuga butandukanye.
Ange Bernice Ingabire avuga ko azohera kukwigisha abakenyezi kuja barapimisha imbanyi z’abo hakiri kare, kugira abana bibungenze bakurikiranwe hakiri kare.
Uwo mwigeme amenyesha kandi ko vuba cane azoca yegeranya ibitigiri vy’abakwiye kwitabwaho kurusha abandi kugira abishikirize abo bose bashobora gufasha.
"Mu maguru masha, ngiye kurondera ibitigiri vy'abakenyezi bakwiye kwitabwaho gusumba abandi," uko ni ko Ange Bernice Ingabire yavuze.
Nk’uko bimenyeshwa na André Hakizimana umwe mubatunganije iryo higanwa, Ange Bernice ingabire azoserukira Uburundi mu yandi mahiganwa yimirije nka “Miss Afrika” hamwe na “Miss United Countries” mu mpera z’uyu mwaka.
Mu baje kuraba iryo hari haje bamwe mu bategetsi b’igihugu bakomeye nka Willy Nyamitwe asanzwe ari umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mubiro vy’umukuru w’igihugu hamwe na Libérat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.
Ihiganwa nk’iri mu Burundi ryaheruka mumwaka w’2012.
Nayo irya mbere ryari ryatanguye mu mwaka w’2009.