Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Abakozi ba leta basabwe "kwambara neza"
Ubushikiranganji bujejwe akazi ka leta bwa Uganda bwabwiye abakozi "kwambara neza", no kwirinda impuzu zerekana amabere.
Mw'ikete ryarungitswe, bivugwa ko abakobwa batarekuriwe kwambara amakanzu canke amajipo agarukira hejuru y'amavi, uduhuzu two hejuru tutagira amaboko canke impuzu zose zibonerana.
Niko ikinyamakuru Observer carungitse iryo tegeko kuri Twitter.
Abakobwa bararekuriwe kwambara kositime z'amapantaro, ariko barihanikijwe kwambara impuzu zegera cane umubiri.
Ibirato vyo hasi canke vyuguruye imbere birabujijwe, kiretse igihe umuntu agwaye.
Iryo tegeko rivuga ko ibisharizo abakobwa bambara nk'imigufu n'ibindi bitegerezwa kuba ibisanzwe, ko batarekuriwe gusiga imishatsi ibara rija kwera, canke ngo bomeke imishatsi itariyo basanganywe.
Abagabo basabwe kwambara neza, amashati y'amaboko maremare, amakoti hamwe n'ikaruvati, amapantaro adafata cane, imishatsi mike, ntibambare impuzu z'amabara menshi aboneka cane.
Iryo tegeko ryatanguye gusohogwa mu 2010, ariko si benshi barikurikiza muri kino gihe.