BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
Ayanyuma: 04 Ukwa gatatu, 2009 - 16:37 GMT
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Intangamarara
BBC College of Journalism
BBC College of Journalism
Turabahaye kaze ku rubuga rwo kwibukanya itangazamakuru rwa BBC.

Rwashizweho mu ntumbero yo gufasha abanyamakuru bakorera kuri BBC Gahuzamiryango, baba bashasha canke abamaze igihe.

Eka n’ abakorera mu bisata vyo kumenyesha amakuru mu karere gakoresha indimi nk’ iza gahuzamiryango, nabo nyene bashobora kuharonkera impanuro z’ akamaro.

Abanyamakuru ba Gahuzamiryango n’ abandi bakoresha izindi ndimi zitari icongereza, iminsi yose bama bafise ivyo bategerezwa guhindura bituruka mu zindi ndimi.

Bategerezwa kandi kwubahiriza umurongo ngenderwako wa BBC, harimwo kudahengama, imvugo itomoye, ubwigenge mu mwuga, kuvugisha ukuri eka n’ ibindi.

Ni yo mpamvu BBC yagerageje gusabikanya mu ndimi zikoreshwa mu bisata bitandukanye, harimwo ikirundi n’ ikinyarwanda, ubu bumenyi abanyamakuru bayo bafise, ngo bushike no ku bandi bantu bakoresha izo ndimi kandi bitaho itangazamakuru.

Uturorero tumwe tumwe twatanzwe n’ abanyamakuru ba Gahuzamiryango, muratwumva mur’ aya mashusho ya Felin Gakwaya, Florentine Kwizera na Ally Yussuf Mugenzi, akwirikira.

IMBUGA ZA HAFI
Igisata kimwe indimi zibiri
04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Imvugo yumvikana kuri bose
04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Kudatamikwa ijambo
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Amajambo ashaka gusa
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Guhindura ururimi
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Imvugo ibereye ya BBC
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Amajambo y' impfunyapfunyo
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
Urutonde rw' uturorero
05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru
AMAKURU YA NYUMA
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Turi bande|Dutere akamo
BBC Copyright Logo^^ Subira hejuru
Amashakiro|Ikirere|Ibiganiro|Imirongo
BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
Mfasha|Wenyene