http://www.bbcgreatlakes.com

04 Ukwa gatatu, 2009 - 16:37 GMT

Intangamarara

Turabahaye kaze ku rubuga rwo kwibukanya itangazamakuru rwa BBC.

Rwashizweho mu ntumbero yo gufasha abanyamakuru bakorera kuri BBC Gahuzamiryango, baba bashasha canke abamaze igihe.

Eka n’ abakorera mu bisata vyo kumenyesha amakuru mu karere gakoresha indimi nk’ iza gahuzamiryango, nabo nyene bashobora kuharonkera impanuro z’ akamaro.

Abanyamakuru ba Gahuzamiryango n’ abandi bakoresha izindi ndimi zitari icongereza, iminsi yose bama bafise ivyo bategerezwa guhindura bituruka mu zindi ndimi.

Bategerezwa kandi kwubahiriza umurongo ngenderwako wa BBC, harimwo kudahengama, imvugo itomoye, ubwigenge mu mwuga, kuvugisha ukuri eka n’ ibindi.

Ni yo mpamvu BBC yagerageje gusabikanya mu ndimi zikoreshwa mu bisata bitandukanye, harimwo ikirundi n’ ikinyarwanda, ubu bumenyi abanyamakuru bayo bafise, ngo bushike no ku bandi bantu bakoresha izo ndimi kandi bitaho itangazamakuru.

Uturorero tumwe tumwe twatanzwe n’ abanyamakuru ba Gahuzamiryango, muratwumva mur’ aya mashusho ya Felin Gakwaya, Florentine Kwizera na Ally Yussuf Mugenzi, akwirikira.