|
Urutonde rw' uturorero | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
Utu n’ uturorero tumwe tumwe twatororokanije, twibaza ko dushobora gufasha abo bose bakoresha ururimi rwacu, cane cane abanyamukuru n’ abiga mu mashure y’ itangazamakuru. Urutonde rushobora gukomeza kwiyongera uko twunguka amajambo, namwe kandi mushobora kuduterera. N’ ukwitondera imvugo y’ amajambo yandikwa kumwe, mu kwitwararika insiguro afise mu ryungane. Abasuma (thieves) / abasuma (abantu bariko baragura) Amaze kumenyera umwuga (He has a good experience)/ bitandukanye na “afise akameyero”(habit) Akamo: Amashirahamwe menshi aramaze guter’ akamo leta/ s ‘utwamo kuko ntikija mu bwinshi. Abatavuga rumwe n’ ubutegetsi/ s’ abarwany’ ubutegetsi. Amateka/ amategeko. Abanyagihugu basaba kubahirizwa mu mateka yabo (rights) /si mu mategeko yabo (obligations). Agataka/ubutaka Leta y’ Uburundi yarwatirije agataka (minerals) kugira ibone ingurane mu makungu / s’ ubutaka (land). At least / more than. Abantu batari munsi y’ ibihumbi bitanu bamaze guteshwa izabo n’ intambara, nayo abarenga 100 bahitanywe na yo. Urubanza canke ibirori( ceremony) Ibirori vy’ ubugeni, urubanza rwo gushingura Akenshi mu Kirundi tuvuga ibirori mu gihe c’ ineza Genocide suspects. N’ abagirizwauruhara mw’ ihonyabwoko, s’ abagize uruhara mw’ ihonyabwoko (aha uba uvuze nk’ uko icaha kimaze kubagira) Gutanga agahengwe / guhagarika intambara(truce or ceasefire) . Impande zarwana zasezeranye gutanga agahengwe( truce) amasaha 48, imbere yo kuja mu biganiro vyo guhagarika intambara burundu( ceasefire). Gushobora / kubasha (could) Abakenyezi 67% bashobora kuba barafashwe ku nguvu mu buseruko bwa Congo/ 67% of women could have been raped in eastern Congo (kugereranya) / si nibo babashije Guhakana /kubeshuza Umukuru w’ umugambwe X arahakana ibiri mw’ itangazo ryasohowe n’amashirahamwe yigenga (kuvuga ngo “ arabeshuza” n’ ukuvuga ko wemeje ko babeshe). Guterana amajambo / s’ ugutana amajambo. Wopfuma uvuga gutanako ishavu (gutan’amajambo ntikibaho). Gay marriage: Twovuga ako ar’ abubakana basangiye igitsina. HIV positives / s’ ukuvuga abarwaye SIDA. Koresha abagendana canke abafise umugera wa SIDA kuko bose bataba bamaze kugera ku rugero rwo kurwara. Ibihumbi vy’ abantu bitavye ibirori / si vyitavye ibirori. Irivuga rihadikirizwa hakurikijwe “abantu”. Ibidukiije (environment) / ibinyabuzima (biodiversity) Kubungabunga ibidukikije , harimwo kwitwararika ibinyabuzima n’ aho biba Ikirangaminsi / agenda, calendar. Har’ amajambo akoreshwa mu buryo butandukanye, n’ ukwitondera insiguro yayo. Imiti ikora ikoranye / s’ imitwe ikora ikoranye. Isango Urubanza rwungururijwe ku rindi sango, canke Isango ry’ urubanza ryahindutse, nti ryungurujwe. Internet=ingurukanabumenyi. Niba uhisemwo gukoresha “ubuhinga bwo gutumatumanako”( telecommunication technology), ongerako bwa internet kuko buri kwinshi. Ku mvo / ku mpamvu ( hakwirikira izina s’ irivuga). Abaforoma bahagaritse akazi ku mvo z’ imisahara (si ku mvo z’ uko basaba etc.) Nzero, Ntwarante / Ukwezi kwa mbere, ukwa gatatu. Gukoresha ibiharuro mu gihe uvuga amezi vyorohera benshi gutahura. Petrol /igitoro (essence na mazut) si peterori Ordinary Burundian / n’ umurundi abayabaye, si asanzwe Ordinateri= Mudasobwa canke inyabwonko. Television= imboneshakure. Telephone ngendanwa / mobile phone. Physics= ubugenge ( kinyarwanda) Nohitamwo gukoresha ngendanwa kurusha telephone yo mu ntoke Umushingwamanza (lawyer) / s’ umushikirizamanza( prosecutor) Umushingamateka (member of parliament) / s’ umukenguzamateka (senate) Ntiwitiranye amajambo afise amamuko amwe ariko adasangiye insiguro. Umushingantahe / umugabo UNHCR: Ishami ry’ ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi. Vyompi / vyose. Vyompi gikoreshwa mu gihe ari vyose vya bibiri. Gukorora/gutibura: airdrop ( American military forces on rescue in Haiti are using airdrops to provide aid to desparate people) | IMBUGA ZA HAFI Igisata kimwe indimi zibiri04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Imvugo yumvikana kuri bose04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Kudatamikwa ijambo05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo ashaka gusa05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Guhindura ururimi 05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Imvugo ibereye ya BBC05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo y' impfunyapfunyo05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Akarore k' umuhinga05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||