Utu n’ uturorero tumwe tumwe twatororokanije, twibaza ko dushobora gufasha abo bose bakoresha ururimi rwacu, cane cane abanyamukuru n’ abiga mu mashure y’ itangazamakuru.
Urutonde rushobora gukomeza kwiyongera uko twunguka amajambo, namwe kandi mushobora kuduterera.
N’ ukwitondera imvugo y’ amajambo yandikwa kumwe, mu kwitwararika insiguro afise mu ryungane.
Abasuma (thieves) / abasuma (abantu bariko baragura)
Akamenyero/ kumenyera
Amaze kumenyera umwuga (He has a good experience)/ bitandukanye na “afise akameyero”(habit)
Akamo:
Amashirahamwe menshi aramaze guter’ akamo leta/ s ‘utwamo kuko ntikija mu bwinshi.
Abatavuga rumwe n’ ubutegetsi/ s’ abarwany’ ubutegetsi.
Amateka/ amategeko.
Abanyagihugu basaba kubahirizwa mu mateka yabo (rights) /si mu mategeko yabo (obligations).
Agataka/ubutaka
Leta y’ Uburundi yarwatirije agataka (minerals) kugira ibone ingurane mu makungu / s’ ubutaka (land).
At least / more than.
Abantu batari munsi y’ ibihumbi bitanu bamaze guteshwa izabo n’ intambara, nayo abarenga 100 bahitanywe na yo.
Urubanza canke ibirori( ceremony)
Ibirori vy’ ubugeni, urubanza rwo gushingura
Akenshi mu Kirundi tuvuga ibirori mu gihe c’ ineza
Genocide suspects.
N’ abagirizwauruhara mw’ ihonyabwoko, s’ abagize uruhara mw’ ihonyabwoko (aha uba uvuze nk’ uko icaha kimaze kubagira)
Gutanga agahengwe / guhagarika intambara(truce or ceasefire) .
Impande zarwana zasezeranye gutanga agahengwe( truce) amasaha 48, imbere yo kuja mu biganiro vyo guhagarika intambara burundu( ceasefire).
Gushobora / kubasha (could)
Abakenyezi 67% bashobora kuba barafashwe ku nguvu mu buseruko bwa Congo/ 67% of women could have been raped in eastern Congo (kugereranya) / si nibo babashije
Guhakana /kubeshuza
Umukuru w’ umugambwe X arahakana ibiri mw’ itangazo ryasohowe n’amashirahamwe yigenga (kuvuga ngo “ arabeshuza” n’ ukuvuga ko wemeje ko babeshe).
Guterana amajambo / s’ ugutana amajambo.
Wopfuma uvuga gutanako ishavu (gutan’amajambo ntikibaho).
Gay marriage:
Twovuga ako ar’ abubakana basangiye igitsina.
HIV positives / s’ ukuvuga abarwaye SIDA.
Koresha abagendana canke abafise umugera wa SIDA kuko bose bataba bamaze kugera ku rugero rwo kurwara.
Ibihumbi vy’ abantu bitavye ibirori / si vyitavye ibirori.
Irivuga rihadikirizwa hakurikijwe “abantu”.
Ibidukiije (environment) / ibinyabuzima (biodiversity)
Kubungabunga ibidukikije , harimwo kwitwararika ibinyabuzima n’ aho biba
Ikirangaminsi / agenda, calendar.
Har’ amajambo akoreshwa mu buryo butandukanye, n’ ukwitondera insiguro yayo.
Ikirangaminsi c’ ivyirwa, n’ urutonde rw’ ivyirwa, bitandukanye n’ ikirangaminsi c’ amataliki.
Imiti ikora ikoranye / s’ imitwe ikora ikoranye.
Isango
Urubanza rwungururijwe ku rindi sango, canke Isango ry’ urubanza ryahindutse, nti ryungurujwe.
Internet=ingurukanabumenyi.
Niba uhisemwo gukoresha “ubuhinga bwo gutumatumanako”( telecommunication technology), ongerako bwa internet kuko buri kwinshi.
Ku mvo / ku mpamvu ( hakwirikira izina s’ irivuga).
Abaforoma bahagaritse akazi ku mvo z’ imisahara (si ku mvo z’ uko basaba etc.)
Nzero, Ntwarante / Ukwezi kwa mbere, ukwa gatatu.
Gukoresha ibiharuro mu gihe uvuga amezi vyorohera benshi gutahura.
Petrol /igitoro (essence na mazut) si peterori
Ordinary Burundian / n’ umurundi abayabaye, si asanzwe
Ordinateri= Mudasobwa canke inyabwonko.
Television= imboneshakure.
Telephone ngendanwa / mobile phone.
Physics= ubugenge ( kinyarwanda)
Chemistry= ubutabire ( kinyarwanda)
Nohitamwo gukoresha ngendanwa kurusha telephone yo mu ntoke
Amajambo amwe y’ amatirano amaze gusubirirwa n’ ayaremwe mu Kirundi, uyazi yakoreshe, adakunze kuvurwa yasigure.
Umushingwamanza (lawyer) / s’ umushikirizamanza( prosecutor)
Umushingamateka (member of parliament) / s’ umukenguzamateka (senate)
Ntiwitiranye amajambo afise amamuko amwe ariko adasangiye insiguro.
Umushingantahe / umugabo
UNHCR: Ishami ry’ ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi.
UNICEF: Ishami ry’ ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abana, etc...
Vyompi / vyose.
Vyompi gikoreshwa mu gihe ari vyose vya bibiri.
Imirwi A na B yarangije ibiganiro, izo mpande zompi zemeranije guhagarika intambara.
Imigambwe yaronse amajwi arenga 5%, yose yaronse ikibanza mu nzego z’ igihugu.
Gukorora/gutibura: airdrop ( American military forces on rescue in Haiti are using airdrops to provide aid to desparate people)