BBCGreatLakes.com
Igiswahili
Afrika
Ayanyuma: 30 Ukwa cenda, 2010 - 18:22 GMT
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Raporo ya ONU kuri Kongo: Uganda izotahukana abasirikare
Abasirikare ba Uganda muri Somalia
Abasirikare ba Uganda mu bikorwa vyo guhagararira amahoro
Uganda ngo izokura abasirikare bayo mu bikorwa vya ONU, raporo yayo ku bwicanyi muri Kongo niyayishinja kuba yaragandaguye Abahutu.

Uganda ivuga yuko raporo ya ONU izosohoka ejo ku mahano yakorewe impunzi z'Abahutu muri Kongo, ngo yakozwe igamije gucafuza ibihugu vyo mu karere.

Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda, Lt Col Felix Kurayigye, yabariye BBC ko iyo raporo niyasohoka, Uganda izotahukana abasirikare bari mu bikorwa vya ONU muri Cote d'Ivoire, Sierra Leone na Sudani.

Raport ya ONU ku bwicanyi bwakorewe impunzi z'Abahutu muri Kongo mu myaka ya za 90, ishinja ibihugu birimwo u Rwanda, u Burundi na Uganda kuba vyarabigizemwo uruhara.

Integuro y'iyo raporo ikija ahabona rwihishwa, u Rwanda nico gihugu ca mbere cavuze ko kigiye gukura abasirikare baco mu bikorwa vya ONU, ariko caciye cisubirako.

AMAKURU YA NYUMA
Sangira n,incutiAyasohoka neza
Turi bande|Dutere akamo
BBC Copyright Logo^^ Subira hejuru
Amashakiro|Ikirere|Ibiganiro|Imirongo
BBC News >> | BBC Sport >> | BBC Weather >> | BBC World Service >> | BBC Languages >>
Mfasha|Wenyene