|
Imvugo yumvikana kuri bose | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
Kwirinda gukoresha amajambo agoye cane cane mu mvugo kw’ iradiyo, ni kimwe mu vyo umunyamakuru abwirizwa kugumiza ku mutima. Na ntaryo akwiye kumenya ko abamwumva badafise amahirwe yo kumubaza ico yashatse kuvuga canke gusubira kumviriza kumbure ubugira kabiri. Niyo mpamvu iminsi yose bikwiye kurondera gukoresha amajambo yumvikana kuri benshi, amajambo asanzwe azwi na benshi, tukirinda gukoresha amajambo canke imirwi y’ amajambo n’ izindi mpinyanyuro ziremera imvugo n’ ivyiyumviro. e.g Yaje yambaye impuzu z’ umuzige/zirabura Ikindi co kwitwararika n’ ugukoresha amazina y’ amezi. e.g: umugambi wa leta y’ uburundi wo kubaka inzira y’ igari yamoshi, uzotangurana n’ ukwezi kwa mbere kw’ umwaka uza/ ntuvuge ngo uzotangurana na Nzero umwaka uza, canke Mutarama umwaka utaha. | IMBUGA ZA HAFI Igisata kimwe indimi zibiri04 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Kudatamikwa ijambo05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo ashaka gusa05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Guhindura ururimi 05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Imvugo ibereye ya BBC05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Amajambo y' impfunyapfunyo05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Urutonde rw' uturorero05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru Akarore k' umuhinga05 Ukwa gatatu, 2009 | Amakuru | |||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||
| ||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||||