Kwirinda gukoresha amajambo agoye cane cane mu mvugo kw’ iradiyo, ni kimwe mu vyo umunyamakuru abwirizwa kugumiza ku mutima.
Na ntaryo akwiye kumenya ko abamwumva badafise amahirwe yo kumubaza ico yashatse kuvuga canke gusubira kumviriza kumbure ubugira kabiri.
Niyo mpamvu iminsi yose bikwiye kurondera gukoresha amajambo yumvikana kuri benshi, amajambo asanzwe azwi na benshi, tukirinda gukoresha amajambo canke imirwi y’ amajambo n’ izindi mpinyanyuro ziremera imvugo n’ ivyiyumviro.
e.g Yaje yambaye impuzu z’ umuzige/zirabura
Nk' imigani idasobanuye nk' iyi : "Uworukarisha rwomumwa", "uruciramukaso rugatwara nyoko", woyihorera niba adafasha abantu kumva gusumba ico washatse kuvuga, kuko ituma abantu bagira ingorane zo kugutahura, na burya kenshi usanga irimwo n’ imvugo ifobetse.
Ukaramuka iyokoreshe naho, uyikoreshe neza mu gihe gikwiye.
Ikindi co kwitwararika n’ ugukoresha amazina y’ amezi.
e.g: umugambi wa leta y’ uburundi wo kubaka inzira y’ igari yamoshi, uzotangurana n’ ukwezi kwa mbere kw’ umwaka uza/ ntuvuge ngo uzotangurana na Nzero umwaka uza, canke Mutarama umwaka utaha.